Uko wahagera

Burundi: Abategetsi Babujije Urudandazwa Hafi y'Ahahoze Isoko Nkuru


Bimwe mu bibanza vyegereye ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura mu Burundi
Bimwe mu bibanza vyegereye ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura mu Burundi

Nta mudandaza muto muto acemerewe gukorera ku nkengero zahahoze isoko nkuru ya Bujumbura guhera kuri uyu wa Gatanu. Imvo nyamukuru yo guhagarika abo bahora badandariza mu bibanza vyegereye ahahoze isoko ya Bujumbura itangazo ryasohotse, ryerekana ko ari ikibazo c’umutekano hamwe n’isuku rike ryibonekeza muri ivyo bibanza.

Abategerezwa gukurikiranira hafi ishirwa mu ngiro ry’iyo ngingo ni : Umuhanuzi mu biro vy’umukuru w’igisagara ajejwe ibibazo vy’umutekano, musitanteri wa komine Mukaza, uwujejwe igipolisi mu gisagara ca Bujumbura hamwe n’uwujejwe uruja n’uruza n’umutekano mu mabarabara.

Ijwi ry’amerika yahashitse iganira n’abadandaza bari basanzwe batunzwe n’utwo bahakorera, bose berekana ko ari ho bakura uburaro n’uburamuko. Basigura ko batabona uko bagiye kubaho.

Ingingo yo guhagarika abo badandariza muri ico kibanza yasohowe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rusangi,ibicishije muri mairie ya Bujumbura.

Itangangazo ribimenyesha ryasinyweko n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura Jimmy Hatungimana kw’igenekerezo rya 22 uku kwezi kwa 11 uyu mwaka, ryatanguye gushirwa mu ngiro kuri uyu wa gatanu italiki 24.

Abakenyezi bayaze n'Ijwi ry'Amerika basigura ko bari batunze imiryango yabo, abana bakiga kuri ubu bakabona ko ari ukubavuna amaboko. Banavuga ko ingingo y’umukuru w’igihugu ivuga ngo “umunwa wose uronke ivyo urya, umufuko wose uronke amafaranga” bariko bayiburizamwo kuko abo badandaza bato bato ata bundi buzi bafise baca baja gukora.

Ikindi bavuga, ni uko iyo ngingo imaze gufatwa , Reta yari guca ibereka ahandi baja gukorera ndetse bakanahabwa n’umwanya ukwiye wo kwitegura, none gushika ubu akaba atahandi bafise ho kuja.

Iruhande y’ico kibanza cegereye ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura ni naho hasanzwe habarizwa igituro gikuru c’amamodoka yunguruza abantu n’ibintu baja hirya no hino mu ma karitiye agize igisagara ca Bujumbura. Hari kandi n’amamangazine ahakikuje. Ivyo bindi bihakorerwa ntaco ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura ca bivuzeko.

Ijwi ry’Amerika ryavuganye kuri telefoni na Gabriel Rufyiri atwara ishirahamwe OLUCOME akaba ari no mu bakurikiranira hafi ikibazo c’iryo soko ryahiye riratokombera.

Ku bwiwe avuga ko bitari bikwiye ko hari igikorwa na kimwe gikorerwa aho hantu kuko ivyahahiriye birimwo ivyuma bitandukanye bishobora kugira ingaruka mbi ku buzima bw’abantu.

Gabriel Rufyiri avuga kandi ko icari gikwiriye ari ukwimura abantu bose bahegereye n’imodoka zunguriza abantu, isoko rigakuburwa mu gukingira ubuzima bw'abantu.

Ku kibazo c’abo bahora bahadandariza birukanywe, Rufyiri asaba Reta ko yobarabira aho bakorera, ariko kandi akerekana ko kuhabakura ari ugukingira ubuzima bwabo.

Isoko nkuru yo ku murwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura yahiye iratokombera kw’igenekerezo rya 27 ukwezi kwa mbere umwaka w’2013. Gushika ubu nta bikorwa vyo kuryubaka biratangura: Inyuma y'imyaka cumi iryo soko rihiye, imyanda y'ivyahiriyeyo vyose iracariyo.

Fyonda hasi usome ibinsi kuri ino nkuru ya Thierryve Ndayishimiye.

Imyidogo y'Abahora Badandariza Hafi y'Isoko Rikuru rya Bujumbura Ryahiye mu 2013
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:30 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG