Uko wahagera

Burundi: Ibitigiri vy'Abagabo Biyahura Kubera Amabi Bakorerwa n'Abagore Biriyongera


Abagabo 40 ni bo biyahuye mu Burundi kuva mu 2021 biturutse ku mabi bakorerwa n'abakenyezi babo. Ivyo biri mu cegeranyo cakozwe n'ishirahamwe " Hommes en détresse ", rivuga ko biyatse ubuzima bitewe n'amabi bakorerwa n'abo bubakanye.

Intara ya Kayanza mu buraruko bw'Uburundi ni yo irimwo benshi biyahuye hakaba hiyahuye muri iyo ntara abagera kuri 18. Kuva mu kwezi kw’icumi 2021 ishirahamwe “ Hommes en Detrersse” rizwi mu Kirundi nk’ishirahamwe ry’abagabo mu gahinda kugera muri kuno kwezi kwa 11, rimaze kwakira abagabo baryitura bafise ikibazo co guhohoterwa n’abakenyezi, bubakanye bagera kuri 334, nk’uko icegeranyo caryo kivyerekana.

Iryo shirahamwe ryemeza ko ryafashije 72 muri bo bakorewe amabi ajanye n’ihohoterwa nseserezamutima, ihohoterwa rifatiye ku butunzi bangana na 143, abakubiswe barashaya bakaba 37, n’abahuye n’ihohoterwa rifatiye ku gitsina bagera kuri 72.

Abagabo 12 bakubiswe baragesera kugera aho bajanwa kwa muganga na bo ryarabavuje. Mugabo hari abatagize ayo mahirwe yo kwiyugurura no kuvuga akababakiye bahitamwo kwiyaka ubuzima. Mu gihugu cose muri ico kiringo bagera kuri 40.

Pascal Butoyi, umuhinga mu vyerekeye imibano yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ivyo bitigiri vy’abagabo biyahura bifitaniye isano n’imigenzo y’ikirundi, aho umugabo yubahutse akemanga ko akubitwa n’umugore, afatwa nk’agatukisha.

Boniface Nduwimana arongoye ishirahamwe ry’abagabo mu gahinda ababazwa no kubona abajejwe intwaro n’ubutungane badatahura ko abagabo bahohoterwa.
Asaba ko hojaho ibintu bibiri nyamukuru: Ugushira mu mategeko y’igihugu ko abagabo bashobora gukorerwa amabi afatiye ku gitsina, gutyo bikabatinyura kuvyemanga hamwe no kwemeza umusi wabahariwe. Mu kurindira ko yumvirwa, umuhinga mu bijanye n’imibano Butoyi asanga abagabo bafise uruhara runini kugira birinde ako karanda ko kwiyaka ubuzima.

Mu Burundi, ibitigiri vy’ubushikiranganji bujejwe agateka ka zina muntu vya nyuma vyo muri 2021 vyerekana ko abantu 14,926 bakorewe amabi afatiye ku gitsina, abagabo bakaba ari 2,372. Ishirahamwe abagabo mu gahinda risaba abashobora kurifata mu mugongo kurironsa uburyo bwo gushiraho muri bimwe vyihutirwa, ikigega ntegabizoza cosahiriza abagabo bahohoterwa muvyo baba bakeneye mu maguro masha.

Fyonda munsi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Eloge Willy Kaneza.

Kuva mu 2021 Abiyahuye Kubera Guhohoterwa n'Abagore ni 40
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:46 0:00

XS
SM
MD
LG