Uko wahagera

Burundi: Umukuru w'Umugambwe CODEBU Iragi rya Ndadaye Apfungiwe iki?


Ino foto yafatiwe mu nama Kefa Nibizi (Yambaye ishati irimwo ibara ritukura kuri iyo foto) yahuriyemwo n'abandi ba nyepolitike barimwo Agathon Rwasa.
Ino foto yafatiwe mu nama Kefa Nibizi (Yambaye ishati irimwo ibara ritukura kuri iyo foto) yahuriyemwo n'abandi ba nyepolitike barimwo Agathon Rwasa.

Kefa Nibizi, umukuru w'umugambwe" CODEBU Iragi rya Ndadaye" ari mu munyororo. Yahagaritswe inyuma y'aho yumvirijwe n'umushikirizamanza kizigenza wa Republika kuri uyu wa kabiri. Ivyaha yagirizwa ntibiramenyekana neza, ariko harimwo " uguhungababanya umutekano w'igihugu".

Kefa Nibizi yarungitswe mw’ibohero rikuru ryo ku murwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura rizwi nka Mpimba ahejeje kwumvirizwa n’umushikirizamanza kizigenza wa Republika Leonard Manirakiza.

Nk’uko amasoko y’Ijwi ry’Amerika yabitubwiye, yagiye gusambishwa nk’igihe c’isaha zitatu n’iminota 20 z’agatondo. Yumviririjwe mw’ibanga, abantu bamuherekeje barimwo abo mu muryango ntawemerewe kwinjira mu cumba yumviririjwemwo, kandi nta n’umwanya wo guhabwa umushingwamanza amwunganira yaronse.

“ Vyabaye nk’ikibiriraho, yumvirijwe aca arungikwa mw’ibohero ubutarariye”, ni ko abavyiboneye biganiye Ijwi ry’Amerika.

Ku mutahe wiwe watanguye kumenyekana kuri uyu wa mbere, hari handitsweko ko abwirizwa kwitaba imbere y’umushikirizamanza kizigenza ku mvo z’amatohoza.

Jean de Dieu Ndereyimana, umunyamabanga mukuru wa CODEBU yabwiye Ijwi ry’Amerika ku mugoroba wo kuri uyu wa kabiri ko igishobora kuba gipfunze umukuru w’uwo mugambwe ari amajambo yanditse ku rubuga hwaniro rw’umugambwe rwa X, aho yavuga ko Abarundi bari mu bukene, akabasaba kuba intwari nk’uwiguze intahe y’ukwikukira kw’Uburundi, Umuganwa Louis Rwagasore.

Ayo majambo yanditse yari yayashikirije n’itangazamakuru ryo mu gihugu hagati ku wa 13 uku kwezi kw’icumi hibukwa imyaka 62 iheze Rwagasore yishwe. N’Ijwi ry’Amerika ryarabigarutseko, igihe yariko avuga ku bukene igihugu kirimwo muri bino bihe.

Maitre Christian Ntakarutimana, umukuru w’urunani rw’abanyamategeko mu Burundi Raja-Burundi asaba abacamanza gusoma amategeko no kuyisunga na rirya amajambo Kefa yashikirije abandi bantu benshi barimwo umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca, bavuze ayasa n’ayo muri iyi misi nyene.

Ivyo Maitre Ntakarutimana ashimangira vyavuzwe n’umushikiranganji wa mbere vabitangaje ku wa 9 uku kwezi mu gisagara c’ubutunzi Bujumbura, mw’ihuriro ry’abakenyezi b’imboneza n’indongozi, ryari ryatumweko na Angeline Ndayishimiye, umutambukanyi wa Prezida Ndayishimiye.

Umugambwe CODEBU kera wahora witwa Frodebu Iragi rya Ndadaye ariko washimye guhindura ibimenyetso n’izina kugira abanywanyi ntibawitiranye na Frodebu washinzwe na Melchior Ndadaye, yishwe inyuma y’amezi atatu gusa ari mu ntebe y’umukuru w’igihugu kuwa 21 ukwa cumi 1993 amaze gutsinda amatora ya mbere yabaye hisunzwe intambwe ya demokarasi mu Burundi uwo mwaka nyene.

Fyonda hasi wumve ibindi mu nkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry'Amerika i Nairobi muri Kenya.

Umugambwe CODEBU Urafise ico Wikeka kw'Ihagarikwa rya Keffa Nibizi
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:25 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG