Uko wahagera

Burundi: Ornella Uwimana Akora Intebe mu Mapine


Uwimana Ornella
Uwimana Ornella

Muri kino gihe urwaruka rwo mu Burundi ruriko ruramenyera kwibako mu kwishingira akazi karubeshaho. Uwu mukenyezi yahisemwo gukora intebe n’ibindi bikoresho mu mapine yaheze.

Yitwa Ornella Uwimana. Ni umukenyezi afise abana babiri, yibera mu gisagara ca Bujumbura, ku mugwa mukuru w’ubutunzi w’Uburundi.

Muri kaminuza yanonosoye ivyerekeye ubuvuzi, hari mu mwaka wa 2017. Amaze kurondera akazi nk’abandi bose kajanye n’ivyo yigiye ntiyashotse akaronka. Yahavuye atanguza umugambi yise “Green Furniture Business” wo guhingura amapine yaheze akayakoramwo intebe n’ibindi bikoresho vyo gushariza mu mazu.

Intebe Ornella yakoze mu mapine ziteguye mu ruganiriro
Intebe Ornella yakoze mu mapine ziteguye mu ruganiriro

Uwo mugambi yawiyumviriye amaze kuza araraba cane ivyo yokwigira ku mbuga ngurukanabumenyi, akaba yawurahuye mu vyo yabonye mu kiganiro c’urwaruka rwo mu gihugu ca “Filipine” aho bariko berekana ingene bahingura intebe mu mapine y’ikinga. Nawe ati “Kubera iki ntovyiga ngo ndabigane. Ariko jewe naciye nkoresha amapine y’imiduga”.

Ornella Uwimana, intebe za mbere zikozwe mu mapine yazihinguye mu 2019, maze zica zirakundwa cane. Ati maze kwubaka rero niho nahavuye ndabikora nk’umwuga. Umutahe wa mbere ni udufaranga nahawe n’umucance wanje kuko yabonye umwete ndabikorana.”

Akora n'intebe zihariye z'abana ababyeyi bashobora kwifashisha
Akora n'intebe zihariye z'abana ababyeyi bashobora kwifashisha

Uwo mukenezi Uwimana yatanguye bukebuke akorera muhira, amaze kuronka abakiriya bakebake baza baramushorera yahavuye arondera ikibanza co gukoreramwo, mu Bwiza kw’ibarabara ryitiriwe kaminuza y’Uburundi. Yahavuye yigisha abandi, ubu akaba akoresha abakozi bane bakora imisi yose, n’abandi babiri bakora ikiraka rimwerimwe. Iyo miryango y’abo bakozi barakenguruka ingene ako kazi kabaronsa amikoro. Na bo nyene harimwo babiri bize kaminuza kandi baremeza yuko ubu babona ata kandi kazi boja kurondera.

Umurundikazi Ornella Uwimana Akora intebe mu Mapine
please wait

No media source currently available

0:00 0:00:45 0:00

Bakora intebe z’ubwoko butandukanye kandi bazigurisha ibiciro bitandukanye. Izigurwa make zishikana ibihumbi amajana atanu, izigurwa menshi na zo zikagurwa ayashika umuriyoni n’ibihumbi amajana umunani. Ku kwezi iyo vyagenze neza barashobora kwinjiza amafaranga yababa imiriyoni zibiri, barishe aho bakorera n’ibikoresho n’amatagisi ya Reta.

Ornella Uwimana aremeza yuko uwo mugambi “Green Furniture Business” ufitiye akamaro imiryango itari mike mbere n’igihugu muri rusangi. Ariko akavuga ko intambamyi nyamukuru bagira ari canecane iyerekeye kwunguruza ibikoresho vy’amapine, agasaba Reta ko mu kubafata mu mugongo yobashorera ikagura ibikoresho bahingura.

Ornella akora intebe mu mabara atandukanye
Ornella akora intebe mu mabara atandukanye

Agira ati “turipfuza yuko nko mu bibanza vy’iratiro Reta yogura izo ntebe zacu igashirayo hagasharizwa n’ivyakorewe mu Burundi nyene.” Aboneraho no gutera akamo urundi rwaruka ahanura abahejeje kaminuza ko batoguma biteze guhabwa akazi, ariko bonyene bogerageza kurema akazi, bakikoresha bagakoresha n’abandi.

Iryo hinguriro rya Ornella Uwimana rihingura n’ibindi bikoresho vyo gushariza mu nzu canke kunezereza ingenzi.

Forum

XS
SM
MD
LG