Uko wahagera

Uburusiya Bugiye Kongereza za Buruse ku Banyeshure b'Abarundi

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Uburusiya n'ayandi makungu akigera ku kubuga c'indege citiriwe Melchior Ndadaye i Bujumbura mu Burundi
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Uburusiya n'ayandi makungu akigera ku kubuga c'indege citiriwe Melchior Ndadaye i Bujumbura mu Burundi

Igihugu c'Uburusiya kigiye kongereza ibitigiri vya za bourses giha abanyeshure b'Abarundi. Ivyo vyatangajwe na Sergueï Lavrov, umushikiranganji w'imigenderanire y'Uburusiya n'ayandi makungu igihe yagendera Uburundi kuri uyu wa kabiri.

Ivyo bihugu vyemeranije kandi kugira amasezerano mu gisata c'amasoko ntanganguvu harimwo ikoreshwa rya " nucléaire". Lavrov na mugenzi wiwe Albert Shingiro w'Uburundi basavye ONU kubahiriza ubwigenge bwa buri gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG