Uko wahagera

Umuceri Madamu wa Prezida w'Uburundi Yahaye Gineya Ekwatoriyari Uteje Impaka


Abakenyezi b'abakuru b'ibihugu vya Gineya Ekwatoriyare n'Uburundi bari kumwe n'abagabo babo
Abakenyezi b'abakuru b'ibihugu vya Gineya Ekwatoriyare n'Uburundi bari kumwe n'abagabo babo

Umutambukanyi w'umukuru w'igihugu c'Uburundi Angeline Ndayishimiye aherutse guha imfashanyo y'umuceri ungana n'amatoni 25 mugenzi we wo mu gihugu ca Guinee Equatoriale.

Bamwe mu baraba ibintu n'ibindi babona ico gikorwa nk'igitutsi ku Barundi ubu bugarijwe n'inzara mu gihe abandi basanga afise uburenganzira bwo gutanga imfashanyo ku bagenzi biwe. Umukuru w'igihugu we avuga ko abantu bajana umwimbu hanze mu gihe umwimbu utabaye mwiza kandi ibiciro biguma biduga ari " ibijuju".

Ibiro bijejwe kumenyesha amakuru vy’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ca Guinee Equatoriale vyanditse ko ayo amatoni 25 y’umuceri yageze I Malabo ku murwa mukuru w’ico gihugu avuye mu gisagara c’ubutunzi Bujumbura mu Burundi igenekerezo rya 29 ukwezi guheze kwa gatatu.

Uwo muceri warungikiwe ikigo “Constancia Mangue Nsue Okomo” kiyobowe na Dona Constancia Mangue de Obiang, umukenyezi wa Prezida w’ico gihugu gifise ibitoro vyinshi cane.

Ibiro vy'umutambukanyi w'umukuru w'igihugu muri Guinee Equatoriale vyanditse bivuga ko imifuko igihumbi , umwe wose urimwo ibiro 25 ari yo yashikanywe i Malabo. Vyibutsa ko abo bakenyezi babiri bafitaniye ubucuti budasanzwe.

Marie Louise Baricako , umukuru w’umuhari “Inamahoro” w’abakenyezi baharanira amahoro n’umutekano avuga ko ari ibintu bitangaje kubona umutambukanyi wa Prezida Ndayishimiye agirira impuhwe abanyamahanga kandi Abarundi bugarijwe na kigoyi.

Ijwi ry’Amerika ryandikiye abajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umupfasoni Angeline Ndayishimiye ariko hageze igihe co kwishura ku bibazo twababajije kuri iyo mfashanyo yahawe igihugu ca Guinee Equatoriale baciye baceceka.

Gusa, amakuru Ijwi ry’Amerika ritarabasha gutohoza neza avuga ko umuceri watanzwe atari uwavuye mu mwimbu wa Madame Ndayishimiye ahubwo woba wari watanzwe nk’imfashanyo n’igihugu c’Ubushinwa gisanzwe gicuditse n’Uburundi kandi gikunze guha Reta y’Uburundi imfashanyo y’umuceri.

Uburundi na Guinee Equatoriale bifitaniye imigenderanire myiza. Mbere ico gihugu ni co Prezida Ndayishimiye yakozemwo urugendo rwa kabiri kuva aroye ku butegetsi. Yakigendeye inyuma ya Tanzaniya, inyuma y’amezi ane aroye ku butegetsi. Guinee Equatoriale yigeranye ikibanza kitamaho mu nama y’amahoro n’umutekano ya ONU ni kimwe mu bihugu vyamye vyiyamiriza bikaburizamwo ibihano vyagomba gufatirwa Uburundi.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry'Amerika.

Impaka ku Mfashanyo Madamu wa Prezida w'Uburundi Yahaye Gineya
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:03 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG