Uko wahagera

USA: Agateka ka Zina Muntu Ntigahengeshanya Guhungabana mu Burundi


Imodokari y'igipolisi iriko isomba abantu bafashwe mu gisagara c'ubutunzi Bujumbura
Imodokari y'igipolisi iriko isomba abantu bafashwe mu gisagara c'ubutunzi Bujumbura

Mu mwaka wa 2022, icegeranyo ca Reta ya Amerika cerekana ko naho mu Burundi hari inzego nshasha zitorewe n’abanyagihugu ziramutswa igihugu kuva muri 2020 kandi amatora akaba ata mvururu yateye muri rusangi, hakomeje kwibonekeza ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu, abantu bafatirwa, ubusa, abafungwa hadakurikijwe amategeko, abicwa,abanyuruzwa hamwe n’imiryango ihorwa ivyaha vya bamwe mu bayigize.

Ico cegeranyo kandi kivuga ko bamwe mu rwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi akatari gake bakoranye n’abakozi b’iperereza, abasirikare n’abapolisi mu guhungabanya uburenganzira bw’abantu rimwe na rimwe bikagora gutandukanya abajejwe umutekano n’Imbonerakure za CNDD-FDD kubera basenyera ku mugozi umwe.

Rumwe mu rwaruka rw'imbonerakure kumwe n'umupolisi w'Uburundi. Muri raporo yayo, Amerika yemeza ko urwo rwaruka rimwe na rimwe rukorana n’abakozi b’iperereza, abasirikare n’abapolisi mu guhungabanya uburenganzira bw’abantu ugasanga hari igihe bigorana gutandukanya abajejwe umutekano n’Imbonerakure za CNDD-FDD.
Rumwe mu rwaruka rw'imbonerakure kumwe n'umupolisi w'Uburundi. Muri raporo yayo, Amerika yemeza ko urwo rwaruka rimwe na rimwe rukorana n’abakozi b’iperereza, abasirikare n’abapolisi mu guhungabanya uburenganzira bw’abantu ugasanga hari igihe bigorana gutandukanya abajejwe umutekano n’Imbonerakure za CNDD-FDD.

Urwaruka rwa CNDD-FDD kandi iyo raporo ivuga ko rwaherekeje abasirikare b’igisoda c'igihugu FDNB mu ntara ya Kivu y’ubumanuko mu buseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Kongo ahari ibirindiro vy’iyenshamba za Red Tabara na FNL zigwanya ubutegetsi bwa Gitega.

Icegeranyo ca Reta ya Amerika kinemeza ko ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro, itanganzamakuru n’uguhurira hamwe mu mashirahamwe vyahungabanijwe mu Burundi. Ariko congerako ko hari imirwi n’ibisata vyigenga vyahawe amahirwe yo kugenzura ivyagirizwa inzego zitandukanye.

Mu bijanye n’ubwicanyi, ico cegeranyo kivuga ko bamwe mu rwaruka rwa CNDD-FDD, Imbonerakure, abapolisi, abakozi b’igisata c’igendereza n’abasirikare ariko bo incuro z’imbarwa bishe abatavuga rumwe n’ubutegetsi canke naho abantu bagerageje gukora ivyo barekurirwa n’amategeko.

Ico cegeranyo cibutsa ko mukwa munani 2022, ishirahamwe Ligue Iteka rikorera mu buhungiro kuva rihagaritswe n’ubutegetsi bw’Uburundi muri 2027 ryari rimaze kubona abantu 232 bari bamaze kwicwa mu gihe umwaka w’imbere yaho hari hagandaguwe 405.


“Ligue Iteka n’iyindi mirwi iharanira agateka ka zina muntu ntibahuriza ku bitigiri ariko biragoye cane kumenya ibiharuro vy’ukuri nyezina bitewe n’uko Reta yankiye igisata ca ONU n’ayandi mashirahamwe mpuzamakungu kwishikira ku rubuga gutohoza”, ni ko abanditse ico cegeranyo bavuga.

I ruhande y’ibi, ico cegeranyo kivuga ko ibiziga vyakomeje gutorwa hirya no hino mu gihugu, abategetsi bagahitamwo kubifuba ata matohoza abanje kuba bitwaje ko bishobora gutera indwara abanyagihugu kubera ata buruhukiro bwo kubikamwo abapfuye buba buri hafi yaho vyatowe.

Abanditse raporo bibutsa ko mu cegeranyo ca Human Rights Watch co mukwa gatanu umwaka uheze vyagaragaye ko Imbonerakure, abapolisi n’abakozi b’igendereza bishe, barafungira abantu ubusa bongera barababoreza igufa hejuru y’ugutoteza no guhama abanywanyi b’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’abikekwa gukorana n’imirwi y’abaroberi.

“Mugabo bamwe mu ndongozi zo hasi za CNDD-FDD bararyojwe ivyo bakoze kandi Imbonerakure zihabwa gasopo ko zibwirizwa kubazwa ku gatwe kazo ivyaha ziregwa”, ni ko ico cegeranyo gisigura. Iyo raporo ivuga ko hari abantu batari bake banyurujwe, bamwe bamaze kugera mu minwe y’inzego zumutekano, abandi bahagaritswe n’ibisata bitazwi mugabo ko bigoye kumenya uko bangana kubera amashirahamwe yigenga, abaharanira agateka ka kiremwa muntu n’abahinga badafise umwidegemvyo wo gutohoza.

Mu vyerekeye abantu baborezwa igufa, igisata ca ONU kigwanya ayo mabi cemeje ko kuva muri 2017 Reta y’Uburundi yananye kucishura ku bantu catohojeko baborejwe igufa. Naha Imbonerakure, abapolisi n’abakozi b’iperereza ni bo bashirwa mu majwi rwose mu gihe ku rundi ruhande abajejwe intwaro bamwe bamwe bagirizwa kuba barakubaguye, barafungwa abatinganyi bahawe impigi n’abajejwe umutekano.

Icegeranyo ca Amerika c'uno mwaka kivuga iki ku kibazo c'abanyororo mu Burundi?

Ico cegeranyo kimenyesha ko mu mabohero umunani kuri 11 y’Uburundi abafungwa babayeho bacucikiranye mu gihugu kugera kuwa 23 ukwa munani 2022 hari abanyororo 12.754 kandi inzu z’imbohe zagenewe kwakira abatarenga 4.294.

Imfungwa za politike naho amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu aziharura mu majana, icegeranyo ca Reta ya Amerika kivuga ko ibitigiri kanuni bigoye kumenya na rirya Reta y’Uburundi yiregura ko ata bantu bafungwa bazira politike igashima kubegekako ivyaha vyo guhungabanya umutekano, imigumuko no gukorana n’imirwi y’abaroberi.

“ CIRC na CNIDH barahawe amahirwe yo kuja mu busho bwose mbere no kugera ku bantu boba bafungiwe politike kugera no busho bw’iperereza buzwi mugabo ubwinyegeje ntibabukubise rurabwe”, ni ko iyo raporo yongerako.

Zimwe mu nfungwa zo mw'ibohero rikuru rya Mpimba mu Burundi
Zimwe mu nfungwa zo mw'ibohero rikuru rya Mpimba mu Burundi

Mu bafashwe bikekwa gukorana n’imirwi y’abaroberi ico cegeranyo kigaruka kuri Floriane Irangabiye, akorera radiyo Igicaniro yavukiye mu mahanga akaba yafashwe mu mperaz z’ukwa munani aroye kuramutsa umuryango. Uwu mukenyezi w’abana babiri yanegetsweko icaha co kunekera igihugu kibanyi c’u Rwanda amaze imyaka irenga umunani abamwo, ubu imigenderanire yaco n’Uburundi iriko iranagurwa kuva Prezida Ndayishimiye aroye ku butegetsi.

Iyo raporo ivuga ko abategetsi b’Uburundi batahengeshanya gusaba u Rwanda kubarungikira abantu bagirizwa ihirikwa ry’ubutegetsi ryaburijwemwo muri 2015 baca bahungira mu Rwanda uwo mwaka nyene. Mu bijanye n’isaka, abapolisi, Imbonerakure n’abakozi b’iperereza bagirizwa kuba barasahuye mu mazu baroye gusakamwo hejuru y’ukubikora ata butungane bwubahirijwe. “Imiryango abayo batasanzweho babwirizwa guhagarikwa, igipolisi carayiteye ubwoba”, ni ko abanditse icegeranyo bavuga.

Turetse mu gihugu hagati, iyo raporo igaruka ku bikorwa vy’Imbonerakure muri Kongo. Yisunze ivyatohojwe n’abahinga ba ONU ivuga ko kuva mu ntango z’ukwa 12 ko mu 2021, zaherekeje abasikare muri Kivu y’epfo bakifatanya n’imwe mu mirwi y’Abakongomani mu kugwanya inyeshamba za Red-Tabara, umuhari urwanya ubutegetsi bwa Gitega ufise ibirindiro muri ako gace k’ubuseruko bwa Kongo. Urutonde rw’amabi bagirizwa ni rurerure rukaba rurimwo ubwicanyi ndengerabutungane, ugusahura n’ukunyaga abanyagihugu hatibagiwe kubakoresha bucakara.

Icegeranyo c'Amerika kivuga iki ku bwigenge bwo kumenyesha amakuru mu Burundi no gushikiriza ivyiyumviro?

Iyo raporo inagaruka ku bwigenge bw’itangazamakuru, ugushikiriza ivyiyumviro no gukorera hamwe mu mashirahamwe. Ivuga ko abanyamakuru baburabuzwa bakankirwa gukora ku bibazo vyerekeye agateka ka zina muntu, ibiturire n’umutekano canke naho bagasabwa kubanza gusaba impusha abajejwe intwaro.
“Reta ihonyanga ubwigenge bw’itangazamakuru iciye kuri CNC, ikigo ubundi cigenga gicungera itangazamakuru ariko ubu benshi babona ko cahindutse igikoresho c’ubutegetsi kandi cotswa igitutu n’abanyepolitike”, ni ko iyo raporo ishimangira.

Iki cegeranyo cemeza ko mu vyerekeye ukwishira hamwe mu migambwe vyemewe mu Burundi. Gusa abanywanyi b’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetesi cane cane CNL baricwa, bakaborezwa igufa, abandi bagafungirwa ubusa begetsweko ivyaha bitandukanye mu gihe imigambwe icuditse na CNDD-FDD yo ikora ata nkomanzi, niko kivuga.

“ Ishirahamwe mu cegeranyo co mukwa gatandatu ryerekanye ko imigambwe myinshi yahisemwo kwiyunga na CNDD-FDD canke kuba ntirumveko kugira yirinde ingorane canke naho ironke amaronko harimwo utuzi ku banywanyi bayo”, niko abanditse raporo bavuga.

Mu gisata co kurwanya ibiturire, utwigoro twa Prezida Ndayishimiye twahindutse amajambo gusa no kwizagira kuko ata bikorwa biboneka vyabaye, niko ico cegeranyo gikomeza kivuga kikongerako ko ukuronka akazi utari umunywanyi w’umugambwe uri ku butegetsi canke ngo ubanze kuwujakarira ari ikigoye muri ico gihugu co mu buseruko bwa Afrika.

Perezida Evariste Ndayishimiye mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Bujumbura mu Burundi, Kw'itariki ya 10/05/2022
Perezida Evariste Ndayishimiye mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Bujumbura mu Burundi, Kw'itariki ya 10/05/2022

Igihe Ijwi ry'Amerika ryategura ino nkuru, nta mutegetsi w’Umurundi yari bwaboneke kugira agire icashikirije. Ariko mu myaka iheze mbere no mu nama yaherukamwo ku cicero ca ONU I New York muri Amerika, Prezida Ndayishimiye yasiguye ko ata honyangwa ry’agateka ka zina muntu ririho mu gihugu ciwe.

Imbere yaho yari yabwiye ibinyamakuru vy’Abafaransa RFI na France 24 ko Abarundi bavugwa ko banyurujwe bashobora kuba bibereye mu mahanga. Ibi vyababaje cane amashirahamwe yigenga y’Abarundi na mpuzamakungu yamubonamwo icizere akija ku butegetsi.

Haraheze imyaka 50 icegeranyo nk’iki gikorwa ku bihugu 198 n’intara zavyo. Gifasha ama Reta, amashirahamwe, abanyamakuru n’ibindi bisata bitandukanye kumenya uko ibibazo vy’agateka ka zina muntu vyifashe mw’isi n’icokorwa kugira amabi ahagarare.

Ino nkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Eloge Willy Kaneza. Ushobora kuyumva yose mu majwi yiwe ufyonze aho hasi.

USA: Agateka ka Zina Muntu Gakomeje Guhungabana mu Burundi
please wait

No media source currently available

0:00 0:06:16 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG