Uko wahagera

Ikena ry'Igitoro Rirabandanya mu Burundi


Imwe mu ma sitasiyo yumye ku murwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura
Imwe mu ma sitasiyo yumye ku murwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura

Mu Burundi hasubiye kwaduka ikena ry'ibitoro vy'ubwoko bwose. Abiyunguruza, abakoresha imiduga, za Tuk Tuk n'amapikipiki bica amafaranga bavuga ko iri kena ry'ibitoro rije kunyura ibintu hejuru y'ubuzima buzimvye bari basanzwemwo.

Abiyunguruza, abakoresha imiduga, za Tuk Tuk n'amapikipiki bica amafaranga bavuga ko iri kena ry'ibitoro rije kunyura ibintu hejuru y'ubuzima buzimvye bari basanzwemwo.

Reta ntirasigura imvo z'iri bura rishasha ry'ibitoro. Gusa mu ndwi zibiri ziheze Prezida Évariste Ndayishimiye yatangaje ko" ibitoro bamusaba ata vomo afise abivomamwo".

Kuva ku kagoroba ko kuri uyu wa mbere ni ho hatangura kwibonekeza ubukene bw’igitoro co mu bwoko bwa mazutu. Bwiyongereye ku bwari buhasanzwe bwa esanse.

Nk’uko amasoko yacu yabitubwiye, ahenshi ku murwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura kuri uyu wa kabiri hari hera. Nta bitoro vyariko biratangwa.

Umugabo wo mu ntara ya Bubanza yavuganye n'Ijwi ry'Amerika yunguruza abantu kuri moto avuga ko igitoro gike asigaranye ari ico yabitse. Yemeza ko nico yahora agura kuri magendu ubu cumye.

Ingaruka z’ibura ry’ibitoro ntiziri kubakoresha ivyuma bica amahera mu kunguruza abantu n’ibintu gusa. N’abakiriya nico kimwe.

Iri bura rya mazutu rije ryiyongera kurya esanse ryari rimaze imisi. Reta ntaco irarivugako.

Kuva hadutse intambara hagati ya Ukraine n’Uburusiya, ibihugu vyose vyo muri Afrika y’ubuseruko vyarahungabanye mu bijanye n’ibitoro.

I ruhande ya rino kena ry’ibitoro, isukari nayo yabaye umuzi w’ibuye mu Burundi, igihugu amadolari yabaye umuzi w’ibuye, ibiciro vy’ibicuruzwa vya nkenerwa navyo bikaba vyigwije na kabiri n’imiburiburi nk’uko Ijwi ry’Amerika ryabitohojeko.

Umviriza Inkuru irambuye

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:25 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG