Uko wahagera

Prezida Ndayishimiye Agabisha Guhindura Amahera y'Amarundi


Perezida Evariste Ndayishimiye mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Bujumbura mu Burundi, kw'itariki ya 10/05/2022
Perezida Evariste Ndayishimiye mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Bujumbura mu Burundi, kw'itariki ya 10/05/2022

Umukuru w'igihugu c'Uburundi Évariste Ndayishimiye avuga ko ashobora gufata ingingo ko hakorwa inoti nshasha. Amenyesha ko ari mu ntumbero yo kugira akomeshe akagwi k'abantu batarenga ijana avuga ko bahagaze igihugu mu nda batoye amafaranga y'umurengera mw'ibanki nkuru maze bayabika mu mazu.

Kubw'iwe bituma agaciro k'ifaranga ry'Uburundi gakomeza gutituka n'ubukene bukiyongera. Ariko amashirahamwe amwe amwe asanga hategerezwa gushirwaho imigambi yo kwiteza imbere no kuresha abagwizatunga mvamahanga nyabuna kugira ifaranga ry'Uburundi ryongere kuduza agaciro.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry’Amerika.

Prezida w'Uburundi Agabisha Abagera ku 100 Babitse Ibifaranga Iwabo
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:03 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG