Uko wahagera

Uburundi Bwapfunze Abantu 24 Bakekwa Kuba Abatinganyi


Ino foto ni ngereranyo. Ntisigura ko abayiriko ari bo bafashwe: Abayiriko ni abatinganyii bo muri Kenya. Mu maso, bambaye amabara ari mu maso ni yo mabara aranga abatinganyi kw'isi hose.
Ino foto ni ngereranyo. Ntisigura ko abayiriko ari bo bafashwe: Abayiriko ni abatinganyii bo muri Kenya. Mu maso, bambaye amabara ari mu maso ni yo mabara aranga abatinganyi kw'isi hose.

Abantu 24 bafungiwe mu gipolisi ku murwa mukuru wa politike i Gitega kuva kuwa 23 ukwezi kwa kabiri guheze. Bafatiwe i Gitega nyene mu gihe bari mu nama.

Amakuru Ijwi ry'Amerika ryaronse n'uko bikekwa kuba bari mu mirwi y'abatinganyi. Inama barimwo yari yatewe inkunga na USAID. Uwagirijwe ubutinganyi mu Burundi ashobora guhanishwa umunyororo w'imyaka ibiri n'ihadabu.

Abafunzwe bari mu mice yose. Ni abagabo, abagore n’urwaruka nk’uko amasoko y’Ijwi ryAmerika yabitumenyesheje. Bahagarikiwe ku murwa mukuru w’intara ya Gitega kuwa 23 ukwezi kwa kabiri guheze mu gihe bari mu nama.

“Igihe bari basohotse kugira bafate akavunamusase ko hagati y’ivyigwa haje abajejwe inzego z’umutekano, abapolisi n’abakozi b’iperereza hamwe n’abajejwe intwaro i Gitega babaguyeko nk’ibibugu bahita baburiza ama pick-up baja kubafungira mu gipolisi”, ni ko amasoho yacu avuga.

Inama abahagaritswe barimwo yari yateguwe n’ishirahamwe rikorera mu ntara ya Gitega ryitwa “Muco”. Umukenyezi aritwara ari mu bantu bafunzwe. Isoko ry'Ijwi ry'Amerika mu gipolisi c'Uburundi ryagize riti:" Ikibanza bariko bakoreramwo inama twasanze kirimwo ama serenge, imiti, ubufuko bwo kwingira ingwara zifatira mu bihimba vy’irondoka hamwe n’ibitabo vy’amategeko avuga ku burenganzira n’ikingirwa ry’abatinganyi”

Ku cicaro gikuru c’igipolisi amasoko y’Ijwi ry’Amerika atashimye gushira ahabona umwidondoro yabwiye Ijwi ry'Amerika ko iyi dosiye iriko ikurikiranwa n’ibiro bikuru vy’igendereza naho abafashwe bari mu minwe y’igipolisi.

Umuvugizi w’ibiro vy’umushikirizamanza kizigenza wa Republika, umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi na bulamatari wa Gitega Ijwi ry'Amerika ryabarondeye kuri terefone ariko ntiryabatoye.

Ishirahmwe “Muco” ryari ryateguye iyo nama ryari ryaronkejwe uburyo na USAID, igisata ca Reta ya Amerika kijejwe gufashanya n’ibindi bihugu. Naho atabo twashoboye kuvugana, hari abashingwamanza bariko bakurikirana iyi dosiye bakaba bavuye mu rwego rw’abashingwamanza rwo ku murwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura. Ntibizwi niba ari USAID yababaronkeje.

Kuri uyu wa gatatu, Prezida Evariste Ndayishimiye atarinze kuvuga kuri aba bantu bafunzwe yagarutse ku batinganyi amenyesha ko Umurundi wese yaba uwuri mu gihugu hagati canke hanze yabwo aja mu bikorwa vy’ubutinganyi akwiye gucibwa no kuvumwa. Aha yari mu masengesho yari yateguwe n’inama nshingamateka na nkenguzamateka ku murwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura.

Kw’isi yose, amatohoza yo kugera kuwa 12 ukwezi kwa 12 umwaka wa 2022 yerekana ko hari ibihugu 68 bitemera abatinganyi. 11 muri vyo bibahanisha igihano co gupfa. Ivyo bihugu 68 biri muri Aziya, ikigobe c’Abayahudi n’Abarabu hamwe na Afrika. Mu Burundi, amategeko ahanisha uwagiriwe n’ubutinganyi igihano kigera ku myaka ibiri y’umunyororo n’ihadabu.

Inkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry'Amerika

Prezida Ndayishimiye: Umurundi aja mu Butinganyi Akwiye Gucibwa no Kuvumwa
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:26 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG