Uko wahagera

Nijeriya Yiriwe mu Matora ya Prezida


Umwe mu banyagihugu ariko aratora
Umwe mu banyagihugu ariko aratora

Amamiriyoni y’abanyagihugu muri Nijeriya bazindukiye mu matora ya prezida ariko ahiganirwa n’abakandida bahanganye ku rugero rutari bwigera ruboneka mu myaka 20 iheze muri ico gihugu.

Abahiganwa bompi ni 18, ariko imbere haza batatu basa nk’abanganya amahirwe mu vy’amajwi: Bola Tinubu w’imyaka 70 akaba yahoze ari umukuru wa Reta ya Lagos, ni we yitoje mu kibanza c’umugambwe uri ku butegetsi, APC (All Progressives Congress).

Atiku Abubakar nawe w’imyaka akaba yahoze ari visi prezida w’igihugu yitoje nka kandida w’umugambwe uharanira demokarasi, PDP (Peoples Democratic Party. Uyu mugambwe uza imbere mu yitavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Nijeriya.

Peter Obi w’imyaka 61 nawe ahagarariye umugambwe w’abakozi, LP( Labour Party). Uyu mugambwe ushigikiwe cane n’urwaruka, ubangamiye iyi migambwe yindi ibiri ifatwa nk’iyari imaze igihe yisangije urubuga rwa politike mu matora yo mu myaka iheze.

Amatora ya prezida muri Nijeriya abangabanganywe n’ay’abashingamateka n’abakenguzamateka. Muri rusangi, abatora barenga imiriyoni 87, bakaba batorera mu biro vy’amatora ibihumbi 176.

Mu kiganiro Madamu Claudette Ndayisaba, Umurundikazi aba ku murwa mukuru wa Nijeriya, i Abuja, yagiranye n'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Diane Nininahazwe, yamusiguriye ko naho muri rusangi amatora yagenze neza aho agaeza amaso, mu bisagara nka Lagos (mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Nijeriya) na Kano (mu buraruko bwa Nijeriya) hibonekeje utunenge.

Madamu Claudette Ndayisaba Arasigura uko Amatora ya Nijeriya Yagenze
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:47 0:00

Muri Nijeriya, abatora akenshi batanga amajwi yabo bafatiye ku bishobisho vy’ubwoko bakomokamwo n’idini begukira: Muri rusangi hari ubwoko 250, aho abenshi mu basangiye ubwoko bumwe bari mu buraruko bw’igihugu bwiganjemwo abari mu idini rya Isilamu, aba bakaza bakurikirwa mu bwinshi n’ababa mu mumanuko bw’igihugu biganjemwo abakirisu.

Nkuko ibwirizwa nshingiro rya Nijeriya ribitegeka, Prezida Muhammadu Buhari w’imyaka 80 agiye gukinjura ku butegetsi bw’ico gihugu inyuma ya manda ziwe zibiri zaranzwe ahanini n’umutekano muke hamwe n’ubukene.

Uwuzosubirira Muhammadu Buhari ku ntebe ya prezida wa Nijeriya muri ano matora azoba aje ku butegetsi bw’igihugu kibangamiwe n’ubukene, umutekano muke, agaciro k’ifaranga gatera gatosekara n’ibindi bibazo. Ivyavuye mu matora bizomenyekana mu ndwi zibiri ziri imbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG