Uko wahagera

Amadeni Yoba Ari yo Yatumye Umumenyeshamakuru Misago Ahangayikisha Benshi?


Jérémie Misago ari kumwe n'umuvugizi w'ubushikiranganji bw'umutekano n'umukuru wa CNIDH, umurwi ujejwe agateka ka zina muntu
Jérémie Misago ari kumwe n'umuvugizi w'ubushikiranganji bw'umutekano n'umukuru wa CNIDH, umurwi ujejwe agateka ka zina muntu

Igipolisi c'Uburundi catangaje ko umumenyeshamakuru Jérémie Misago yari yaburiwe irengero kuva ku musi wa gatandatu yatowe. Kimenyesha ko yari yaroye mu masengesho mu ntara ya Rumonge mu bumanuko bushira uburengero bw'igihugu. Jeremie Misago yemeza ko yari yarengewe n’amadeni y’umurengera ahitamwo kuja gusenga.

Mu nyubakwa vy’urwego rw’igihugu rujejwe igendereza ni ho umumenyeshamakuru Jeremie Misago yerekaniwe. Hari ku mugoroba wo kuri uyu wakabiri.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano ni we yamuhereje abaserukiye ikinyamakuru cigenga Iwacu akorera. Icabona nyamukuru yari umukuru w’umurwi w’igihugu ujeje agateka ka zina muntu, CNIDH.

Mu kwerakana uwo mumenyeshamakuru yari yaburiwe irengero kuva ku musi wa gatandatu w’indwi iheze nk’uko amasoko atandukanye yabibwiye Ijwi ry’Amerika, hari abandi bamenyeshamakuru bo mu gihugu hagati batari bake.

Jeremie Misago yagaragaye ari mu mupira w’amaboko maremare w’umuhondo n’ipantaro yirabura yo mu myambaro yo gukoreramwo ikarashishi no kwinonora imitsi.

Yabwiye abamenyeshamakuru bagenzi biwe ko amadeni y’umurengera ari yo yamutesheje umutwe yibagira kubwira abo bari kujana kwerekana umugeni ku bavyeyi biwe ku musi wa gatandatu ku rugendo rwasivye maze ahitamwo kuja kwambariza Imana mu misozi ya Magara mu ntara ya Rumonge mu bumanuko bushira uburengero.

Yavuze ko ata bindi ntumbero n’imwe yarafise mu kuja ku Magara ya Rumonge ata numwe amenyesheje. Abamenyeshamakuru bashatse kumenya impamvu muri videwo Misago yaboneka akebaguzwa nk’uwutinya umuntu ari I ruhande yiwe n’icatumye adashoka aja i muhira akimenya ko abantu bahangayikishijwe n’ibura ryiwe. Yishuye ati:" Ni ingorane zanje zabinteye."

Naho umumenyeshamakuru Jeremie Misago yatahutse mu biwe, amakenga ku vyoba vyaramushikiye nyezina aracahari. Umwe mu bahinga aba I Bujumbura atashimye ko umwidondoro wiwe umenyekana yabwiye Ijwi ry’Amerika ati:" Kubera iki harinze kuba iyo nzira yo kubanza kumwerekana niba yari yaroye mu masengesho vy’ukuri. Harimwo ikineygezwa muri iyi dosiye”

Igipolisi n’umumenyeshamakuru Jeremie Misago bavuze ko inzego z’umutekano zamutoye zimaze kubona videwo yashize ahabona kuri uyu wa mbere ku mutaga.

Umwe mu bakurikiranira hafi politike y’Uburundi yabwiye Ijwi ry’Amerika ati” Arahejeje gucira amanota Prezida Ndayishimiye amaze igihe aho aciye hose mu makanugu abemeza ko mu gihugu ciwe uwunyurujwe akitura inzego z’umutekano atorwa kandi ko abahohotera abantu ubwiwe abakurikirana kugeza bahanywe”.

Umviriza insiguro za Misago, ku catumye abura, muri ino nkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry’Amerika.

Umumenyeshamakuru Misago Arasigura Icatumye Abura
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:56 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG