Uko wahagera

Burundi: Ibiciro vy'Ibifungurwa Vyaduze Cane


Umukenyezi adandaza bimwe mu bicuruzwa vya nkenerwa vyaduze ibiciro vy'umurengera
Umukenyezi adandaza bimwe mu bicuruzwa vya nkenerwa vyaduze ibiciro vy'umurengera

Mu Burundi, ibiciro vy'ibifungurwa n'ibintu vya nkenerwa vyaduze cane. Mu kiringo c'ukwezi, umuceri n'ibiharage biri mu ndya Abarundi benshi bafungura nk'urugero vyaduze amahera ari hagati y'amajana ane n'igihumbi n'amajana ane.

Abanyagihugu na cane cane abakozi ba Reta bavuga ko imishahara itakibasha kubabeshaho. Basaba Reta gufata ingingo ziborohereza kugira ibiciro bigabanuke. Ibi vyunyurwa n'iduzwa ry'ibiciro vy'isima n'ibinyobwa.

Mu ntara zimwe zimwe, ibi biciro biza vyunyura imibereho kubera imvura yataze. Abana bava mu miryango ikenye baramaze guheba ishure bitewe n'uko ataco baronka bashira ku munwa imbere y'ukuja kw'sihure canke batashe i muhira.

Abategetsi ku nzego z’intara n’amakomine nabo nyene baremeza ko ibiciro vyaduze, gutyo bigatuma ubukene bwiyongera mu bantu. Musitanteri wa komine Kayanza nk’urugero yemeza ko ibice 80 kw’ijana vy’abamwitura baba bugarijwe n’ubukene.

Prezida Ndayishimiye nawe mu biganiro vyinshi agize igihe ata amakosa ku banyururiza umwimbu mu bihugu bibanyi.

Fyonda aho hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry'Amerika.

Ubuzima Bwazimvye ku Rugero Runini mu Burundi
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:03 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG