Uko wahagera

Prezida w'u Rwanda Yoba Agiye Kuja mu Burundi mu Nama y'Ivya Kongo?


Uhuru Kenyatta na Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye. Uhuru yagiye mu Burundi mu mu bonano utegura inama ishobora kuzamwo Prezida w'u Rwanda muri uku kwezi kwa cumi na rimwe.
Uhuru Kenyatta na Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye. Uhuru yagiye mu Burundi mu mu bonano utegura inama ishobora kuzamwo Prezida w'u Rwanda muri uku kwezi kwa cumi na rimwe.

Umukuru w'igihugu c'Uburundi kuri uyu wa gatanu yakiriye uwahoze arongoye igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta mu biro i we ku murwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura.

Prezida Evariste Ndayishimiye muri kino gihe ari we aramutswa ubukuru bw'umuryango wa Afrika y'ubuseruko, EAC, yakiriye Kenyatta nk'umuhuza mu matati ya Kongo.

Ku wa kabiri w'iyi ndwi, prezida Ndayishimiye yari yaganiriye na bagenzi be bo muri EAC kuri terefone maze bemeranya ko hagiye kuba inama y'ikitaraganya y'abakuru b'ibisirikare vya EAC izokurikirwa n'inama idasanzwe y'aba prezida.

Umubonano hagati ya prezida Evariste Ndayishimiye mu cimbo c’umukuru w’umuryango wa Afrika y’ubuseruko EAC n’uwahoze arongoye igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta nk’umuhuza mu matati ya Kongo wamaze umwanya munini.

Itangazo rusangi basohoye rivuga ko barabiye hamwe inzira za politike na gisirikare zokoreshwa kugira hatorwe umuti w'indyane ziri mu buseruko bwa Kongo. Barangije umubonano, Prezida Ndayishimiye yavuze ko imirwi myinshi imaze gushira ibirwanisho hasi muri Kongo, agahara mu ruganda ari M23.

Yatangaje ko mu biganiro mu biganiro bizosubira guhuza Reta ya Kongo n’imihari y’inyeshamba kuva kuwa 16 uku kwezi, n’abakuru b’amoko muri Kongo bazotumirwa.

Prezida Kenyatta nawe yashimye ukuntu ibihugu vya EAC bimaze kurungika abasirikare ku butaka bwa Kongo maze ahamagarira ibitarabikora kubifatirako akarorero.

Uwu mubonano ntaco wavuze ku nama y’abakuru b’ibisirikare vya EAC yumvikanyweko n’abakuru b’ibihugu vy’akarere kuwa kabiri w’iyi ndwi hamwe n’inama idasanzwe y’abaprezida izokurikira. Gusa, amakuru Ijwi ry'Amerika rihabwa na bamwe mu begereye perezidansi y'Uburundi yemeza ko iyo nama idasanzwe y'abaprezida izobera i Bujumbura ku gekenekerezo rya 21 uku kwezi. Prezida w'u Rwanda binuganugwa ko azoyitabira. Akaramuka ayitabiriye, izoba ari iyindi ntambwe itewe mu migenderanire y'u Rwanda n'Uburundi haheze igihe yaratosekaye.

Umviriza ibindi muri ino nkuru ya Eloge Willy Kaneza

Imigenderanire y'Uburundi n'u Rwanda Yoba Igiye Kunaguka?
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:00 0:00

XS
SM
MD
LG