Uko wahagera

Amatohoza kw'Umucanwa Wahitanye Abana 11 b'Impumyi muri Uganda


Umwe mu bavyeyi baburiye umwna kw'ishure rya Salama
Umwe mu bavyeyi baburiye umwna kw'ishure rya Salama

Abajejwe umutekano muri Uganda batanguye amatohoza ku cateye umuriro wahitanye abana 11 biga kw’ishure ry’indaro ry’abafise ingwara y’ubuhumyi. Uwo muriro wadutse mu bucagucagu bw’ejo ku wa mbere wahitanye abana bari hagati y’imyaka 4 na 13.

Ishure ryadutsemwo umuriro ryitwa Salama. Riri mu karere ka Mukono kari hagati mu gihugu. Ni ishure ry’abana b’abakobwa gusa. Muri rusangi abaribamwo bagera ku 70.

Bamwe mu bavyeyi baburiye umwana kw'ishure rya Salama
Bamwe mu bavyeyi baburiye umwana kw'ishure rya Salama

Igice cahiye caryamamwo abana 17. Polisi ya Uganda ivuga ko batandatu mu barokotse muri ico gice cahiye ari indembe.

Luke Owoyesigire, avugira polisi y'ico gihugu yasiguye ko imbere y’uko imiryango y’abazize uwo muriro ironka uruhusha rwo kubashingura, hazobanza gukorwa amatohoza yimbitse, arimwo n’ayazokorerwa ku biziga vya ba nyakwigendera.

Buramatari w’akarere iryo shure riherereyemwo nawe yabwiye Ijwi ry’Amerika ko amatara y’igice cahiye azimirizwa mu cumba c’uwaraba abo bana. Uwo abaraba yarashoboye kurokoka naho bitakunze ko atabara umwana n’umwe. Yasiguye ko nawe nyene atazi umuriro iyo wazananye.

Umuriro wo kuri iryo shure wadutse mu gihe hari hasigaye iminsi mike ngo umuganwakazi w’Ubwongereza, Anne (Umukobwa w’Uwahoze ari umwamikazi w'Ubwongereza, Umuhisi Elizabeti wa II), agendere iryo shure ari kumwe n’umutambukanyi wa prezida wa Uganda, Janet Museveni.

Kuva mu kwa mbere k’uno mwaka, muri Uganda hamaze gusha amashure menshi. Yamara, igitera uwo muriro kiracari amayobera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG