Uko wahagera

Kenya: Agahungu ko ku Gatumba Gahindutse Prezida-Ruto


Prezida William Ruto wa Kenya
Prezida William Ruto wa Kenya

Kuri uyu wa kabiri, Prezida mushasha wa Kenya, William Ruto yarahiye yinjira mu mabanga. Abakuru b'ibihugu benshi bitavye ibirori vyabereye ku murwa mukuru Nairobi.

Raila Odinga bari bahiganywe akitwara muri sentare ntahinyuzwa avuga ko amatora yibwe ntiyitavye ibirori vy'uyu musi.

Ikibuga c'umupira w'amaguru kiri ahitwa Kasarani cabereyemwo ibirori cuzuye kuva isaha cumi n'imwe z'agatondo. Abantu batari bake bakomeretse mu misunikano kugira bikunde babe muri ico kibanza.

Uretse abakuru b’ibihugu batandatu bagenzi ba Ruto bo mu muryango wa Afrika y’ubuseruko EAC bari bitavye ibirori, hari kandi n’abandi bakuru b’ibihugu n’ama Reta benshi bo ku mugabane wa Afrika n’abaserukira amashirahamwe n’ibisata mpuzamakungu.

Muri Nairobi nka hose ahabera imirimo itandukanye abantu bakora bongera bakurikira ku mboneshakure amajambo yariko arashikirizwa.

Prezida mushasha agiheza kurahira afashe ijambo yagize ati” Agahungu ko ku gatumba gahindutse prezida”, maze abakunzi biwe biha akamo k’intsinzi bakomeza gutamba batarika.

Yashimagije urugero Kenya igezeko muri demokarasi.

Yagize ati "Muri runo rugendo twerekanye ko twabunyoye muri demokarasi, ubukomezi bw’inzego zacu n’ukwihagararako kw’abanya Kenya. Ndizera ntakekeranya ko mu matora aheze impande zose zakoze ibishoboka kugira zishitse ivyifuzo vy’abantu”, niko yavuze ."

William Ruto yashimiye Raila Odinga w’imyaka 77 bahiganywe amutsinda ku majwi make kandi abanje kuja kwitwara muri sentare ntahinyuzwa imbere yo kumuhebuza. Yavuze ko we n’umupfasoni Martha Karua yari kumubera icegera iyo baramuka batsinze co kimwe n’abandi bitoje mu runani rwabo rwa Azimio la Umoja ari abantu bo kubahwa kuko bari bakoze uko bashoboye kandi bahiganwa kigabo. Yasezeraniye kutazovangura abanya Kenya.

"Ndabijeje ko abanywanyi babo nabo nzobatwarira. Nzokorana n’abanya Kenya bose ntaravye uwo batoye."

Perezida William Ruto ahabwa ibirango by'igihugu nuwo yasimbuye Uhuru Kenyatta
Perezida William Ruto ahabwa ibirango by'igihugu nuwo yasimbuye Uhuru Kenyatta

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ari mu bagize ico bashikiriza nk'urongoye umuryango EAC muri kino gihe. Yemereye mugenzi we kuzokomeza ubucuti buri hagati y’Uburundi na Kenya.

"Niteze gukorana nawe kugira dukomeze iterambere mu karere kacu. Ku ruhande rw’Uburundi turanezererewe ubucuti bwiza buri hagati ya Kenya n’Uburundi kubw’amahirwe ku gihe kirekire kandi nokwemerera nyakubahwa ko ubwo bucuti butazigera buhungabana." Niko prezida Ndayishimiye yavuze.

Irahira rya William Ruto.mp3
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:19 0:00

Prezida wa Uganda asanzwe ari we mukuru mu myaka muri bagenzi be ba EAC yakeje abanya Kenya kubona batoye Ruto-uwuzwi nk’umukunzi wiwe cane. Yagarutse ku kintu kimuraje ishinga: isoko rusangi ryo mu bihugu vya EAC.

Museveni yagize ati "Ukwihaza kw’abantu kuva hehe? Mfatiye kuvyo nabonye mu myaka 60, nohanura abanyafrika kumenya ko ukwihaza kuva mu kurema ubutunzi. Kugira Ubuganda, Kenya, Tanzaniya, Uburundi,Kongo, u Rwanda, Sudani y’epfo na Somaliya iriko iraza ubu tube urunani rw’ama Reta dutegerezwa kubanza guhangana n’ikibazo c’isoko rusangi”.

Kenya yahindutse muri iyi myaka 20 iheze igihugu ca kabiri ku banyagihugu benshi bo mu karere ka Afrika yo hagati n’ihembe rya Afrika. Umunyarwanda Hassan Bahati akorera muri Nairobi haraheze igihe yabwiye Ijwi ry’Amerika ko yizeye ko impapuro nyinshi abanyamahanga basabwa zigiye kugabanuka.

Ruto yiyita” Mvuyekure” kandi abakunzi biwe bakaba bavyishimiye kubera imbere yo gutera imbere muri poritike yabanje gucuruza inyama z’inkoko kw’ibarabara, yavuze ko azokora ibishoboka vyose kugira ateze imbere abakora imirimo mitomito nk’uko icivugo ciwe kibivuga kiti” kazi ni kazi” canke ko ata kazi kagayitse mu Kirundi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG