Uko wahagera

Intara z'Uburundi Zagabanyijwe Gushika kuri 5


Intara z'Uburundi Zigiye Kuba 5
Intara z'Uburundi Zigiye Kuba 5
Reta y'Uburundi yafashe ingingo yo kugabanya intara zigize igihugu. Zigiye kuba 5 kandi zihindure n'amazina mu gihe zahora ari 18. Amakomine agiye kuba 42 mu gihe yahora ari 119.

Reta isigura ko ari mu ntumbero yo kwegereza ubutegetsi abanyagihugu, kwisunga ingene ibindi bihugu vy'akarere ka EAC bitunganijwe no kwitegurira neza amatora ategekanijwe mu myaka 3 iri mbere.

Inama nshikiranganji yakoranye kuva ku wa gatatu gushika kuri uyu wa kane ni yo yafashe ingingo yo kugabanya igitigiri c’intara n’amakomine bigize Uburundi. Yari irongoye n’umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye, i Gitega, ku murwa mukuru wa poritike.

Umuvugizi wa reta y’Uburundi, Prosper Ntahorwamiye yashikirije ko intara ya mbere ari Bujumbura igizwe n’amakomine 11. Ni Bubanza, Bukinanyana, Cibitoke, Mpanda, Mubimbi, Muha, Muhuta, Mukaza, Mugina, Mugongo-Manga na Ntahangwa. Umurwa mukuru uzoba uri i Bujumbura, ari na ho hari umurwa mukuru w’ubutunzi.

Intara ya kabiri ni Buhumuza ifise umurwa mukuru mu Cankuzo. Igizwe n’amakomine 7. Ni Butaganzwa, Butihinda, Cankuzo, Gisagara, Gisuru, Muyinga na Ruyigi.

Intara ya gatatu ni Gitega, ifise umurwa mukuru i Gitega nyene ahasanzwe hari umurwa mukuru w’igihugu wa poritike. Igizwe n’amakomine 9. Ni Bugendana, Gishubi, Gitega, Karusi, Kiganda, Muramvya, Mwaro, Nyabihanga na Shombo.

Intara ya kane ni Burunga ifise icicaro gikuru i Makamba. Iyi igizwe n’amakomine 7 ari yo Bururi, Matana, Makamba, Mpinga-Kayove, Mabanda, Rumonge na Rutana.

Intara ya nyuna ari yo ya gatanu ni Butanyerera ifise icicaro gikuru i Ngozi. Iyi izoba igizwe n’amakomine 8 ari yo Busoni, Matongo, Kayanza, Kiremba, Kirundo, Muhanga, Mwumba na Tangara.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ari na we ajejwe itunganywa ry’intara n’amakomine, yaheruka gusigurira abanyepolitike batwara imigambwe ko iyindi ntumbero ari ugutegura neza amatora yimirije.

Bamwe mu banyamigambwe babibonamwo amahinyu.

Umugambwe CNL watahukanye ikibanza ca kabiri mu matora aheruka, ari na wo uri imbere mu yitavuga rumwe na reta ubona ko ari uruyeri rugamije kwiba amatora y’abashingamateka ategekanijwe mu mwaka w’2025 n’ay’umukuru w’igihugu mu mwaka w’2027.

Agathon Rwasa atwara uwo mugambwe CNL avuga ko iryo tegeko ryari rikwiye kwitonderwa ndetse abo ryega bose bagasabwa intererano.

Yamara n’aho biri uko, abandi nk’umugambwe APDR usanga kugabanya intara bizotuma woroherwa gushikira abanywanyi no kubasaba amajwi.

Muri iyo nteguro y’inama nshikiranganji, amazone yabaye menshi ava kuri 399 aja kuri 447, eka n’imitumba izoba myinshi kuko igiye kuba 3037 mu gihe yahora ku 2910.

Bitegekanijwe ko iyo nteguro yemezwa n’inama nshingamateka hanyuma igaterwako umukono n’umukuru w’igihugu, ibitazogorana kuko umukuru w’igihugu ari na we yari arongoye inama nshikiranganji yafashe iyo ngingo.

Iyi nkuru mushobora kuyumva mu majwi, yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Kigali, Pierre Claver Niyonkuru.

Burundi: Kugabanya Intara Bitumbereye Kwegereza Ubutegetsi Abanyagihugu
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:01 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG