Uko wahagera

RDC: Igisirikare Cagirije u Rwanda Gufasha M23 mu Bitero vyo kuw'Imana


Abasirikare ca FARDC mu ruhigi rw'abarobeli b'umuhari M23
Abasirikare ca FARDC mu ruhigi rw'abarobeli b'umuhari M23

Igisirikare ca Repubulika ya demokarasi ya Kongo congeye kwagiriza u Rwanda ko rwashigikiye umuhari w’abarobeli M23 mu bitero vyo kuri uyu w’Imana hafi y’igisagara ca Bunagana kiri rubibe, mu gice c’ubuseruko bw’igihugu. Aka karere karanzwemwo imirwano umusi wose kandi hapfa abasirikare babiri.

Kongo yagirije ibitero biheruka vya M23 kuba biba uwo muhari ubifashijwemwo n’u Rwanda, bituma imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri itosekara.

U Rwanda rwama rwahakanye kuba rushigikiye uwo muhari w’abarobeli.

Kuri uyu w’Imana, igisirikare ca RDC, cavuze ko abarobeli ba M23 bateye ibirindiro vyabo hafi y’i Bunagana hamwe n’ibindi bice mu ntara ya Kivu y’uburaruko. Kongo ivuga ko ivyo bitero babikoze bafashijwe n’abasirikare hamwe na vya muzinga vy’u Rwanda.

Itangazo ryasohowe n’igisirikare ca Kongo rivuga ko abasirikare babiri basize ubuzima muri ico gitero. Ryongeyeko ko abarwanyi b’abansi batari bake nabo nyene bishwe, ariko nta gitigiri nyezina catanzwe.

Umuvugizi wa M23, Willy Ngoma, nawe yavuze ko imirwano ikomeye yabandanije hafi y’ico gisagara no ku mugoroba wo kuri uyu w’Imana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG