Uko wahagera

RDC: Abantu Bashika 20 Bakekwa Kuba Barishwe n'Umuhari ADF muri Ituri


Abasirikare ba FARDC ku birindiro vyabo inyuma y'iyindi mirwano yadutse hafi y'urubibe n'u Rwanda, hanze ya Goma mu ntara ya Kivu y'uburaruko, kw'itariki ya 28/05/2022.
Abasirikare ba FARDC ku birindiro vyabo inyuma y'iyindi mirwano yadutse hafi y'urubibe n'u Rwanda, hanze ya Goma mu ntara ya Kivu y'uburaruko, kw'itariki ya 28/05/2022.

Abantu bashika 20 barishwe mu bwicanyi bushasha bwabaye mu ntara ya Ituri, mu buseruko bwa Repubulika ya demokarasi ya Kongo.

Ishirahamwe rikurikirana ku musi ku musi umutekano mu ntara ya Kivu, Kivu Security Tracker, ryavuze kuri uyu wa mbere ko ico gitero cabaye mw’ijoro ryo kuw’Imana rishira uwa mbere mu mihana y’i Bwanasura muri teritware ya Irumu. Ryongeyeko ko umuhari w’iterabwoba ADF ari wo ukekwa gukora ubwo bwicanyi.

David Beiza, arongoye ishirahamwe ritabara imbabare Croix Rouge muri teritware ya Irumu, yavuze ko abakorera bushake babo baharuye ibiziga vy'abantu 36 aho ubwo bwicanyi bwabereye.

Kuri uyu wa mbere, abarobeli ba M23 bateye ikirindiro c’abasirikare ba FARDC i Bugusa muri teritware ya Rutshuru, mu ntara ya Kivu y’uburaruko, bica abasirikare babiri bakomeretsa abandi batanu.

Umuvugizi wa buramatari w’iyo ntara, General Sylvain Ekenge, yavuze ko u Rwanda rwahaye ibirwanisho abo barobeli, kuko ibisasu biterwa ku kirere kirekire ata handi umuhari M23 wabikuye.

Imirwano hagati ya M23 n’igisirikare FARDC yongeye kwaduka mu kwezi kwa gatanu. Reta ya Congo ntihengeshanya kwagiriza u Rwanda ko rufata mu mugongo M23. Ariko u Rwanda rwama rwabihakanye.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG