Uko wahagera

Abimukira Bakuwe Libiya Boba Bishimira Kuguma mu Rwanda?


Abimukira bakuwe muri Libiya bashika ku kibuga c'indege i Kigali, mu Rwanda.
Abimukira bakuwe muri Libiya bashika ku kibuga c'indege i Kigali, mu Rwanda.

Abimukira b’Abanyafurika batwawe mu Rwanda bakuwe mu makambi bari bafungiwemwo muri Libiya, bavuga ko bagifise umugambi wo kugira ingendo zigoye baja mu Bulaya.

Abo bimukira 189, bagwiriyemwo Abanyaeritreya, barimwo n’Abasomaliya, Abanyetiyopiya n’Abanyesudani, batwawe mu Rwanda inyuma y’amasezerano yo mu kwezi kw’icenda ico gihugu casinye n’Ubumwe bw’Afurika.

U Rwanda ruheruka kandi kwemera kuzoba rurakira ivy’imfatakibanza abimukira 500 bafungiwe muri Libiya.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi HCR, rivuga ko Libiya igifise abimukira b’Abanyafurika, aho bakorerwa amabi atandukanye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG