Uko wahagera

Nouvele Zelande: Abatari Bake Bishwe Barashwe mu Musigiti


Igiporisi muri Nouvelle Zelande carungitse ingabo zaco inyuma y’amakuru y’amasasu yumvikanye mu musigiti wo mu gisagara Christchurch.

Ibinyamakuru vy’aho bivuga ko amasasu yarashwe mu musigiti kuri uyu musi wa gatanu mu masaha y’inyuma ya sasita kandi ko hoba hari abapfuye batari bake.

Televiziyo muri Nouvelle Zelande ivuga ko abantu 9 bamaze kumenyekana ko bapfuye.

Hari kandi amakuru avuga ko amasasu yoba ariko arumvikana mu bindi bibanza.

Umwe mu bavyiboneye yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abongereza, Reuters ko yabonye abantu batatu baryamye hasi bariko baravirirana amaraso. Uwundi abwira Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abanyamerika Associated Press ko yabonye abapfuye mu mpande zose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG