Uko wahagera

Ambasaderi w'Ubudagi muri Venezuela Yirukanwe


Martin Kriener, ambasaderi w'Ubudagi muri Venezuela, i Caracas.
Martin Kriener, ambasaderi w'Ubudagi muri Venezuela, i Caracas.

Reta ya Venezuela yategetse ko ambasaderi w’Ubudagi ava mur’ico gihugu kuko ashigikiye Juan Guaido atavuga rumwe n’ubutegetsi kandi ari mu rugamba rwa politike na perezida Nicolas Maduro.

Reta yategetse ko ambasaderi Daniel Kriener azoba yavuye mu gihugu mu masaha 24. Iyo ngingo yafashwe inyuma y’aho ambasaderi Kriener abonaniye na Guaido ku kibuga c’indege i Caracas ku musi wa mbere atahutse mu gihugu.

Umushikiranganji w’Ubudagi ajejwe imigenderanire, Heiko Maas yashikirije ko iyo ngingo itumvikana kandi igiye gutuma ibintu biyangara aho gucureha. Maas yavuze ko Ubudagi hamwe n’ibindi bihugu vya Bulaya bicuditse bashigikiye Guaido ubutagisubira inyuma.

Inyuma y’amasaha reta ya Venezuela ishikirije iyo ngingo, icegera c’umukuru w’igihugu muri Reta zunze ubumwe za Amerika, Mike Pence yavuze ko Amerika izohagarika visa 77 harimwo iz’abategetsi muri reta ya Maduro hamwe n’imiryango yabo. Pence yongeyeko ko reta ya Trump izobandanya yegeka ibiriko biraba kuri reta ya Maduro gushika umwidegemvyo ubonetse muri Venezuela.





Facebook Forum

XS
SM
MD
LG