Uko wahagera

ONU Yananiwe Kwumvikana kuri Venezuela


Abagize inama ya ONU ijejwe umutekano mw'itora ku nteguro z'amategeko kuri Venezuela ku cicaro ca ONU, i New York, Italiki 28/02/2019.
Abagize inama ya ONU ijejwe umutekano mw'itora ku nteguro z'amategeko kuri Venezuela ku cicaro ca ONU, i New York, Italiki 28/02/2019.

Inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano yarananiwe kwumvikana ejo wa kane ku nteguro yaba iyateguwe na Reta zunze ubumwe za Amerika canke iy’Uburusiya, zose zo kurondera inzira yokura Venezuela mu ruhagarara kirimwo.

Ibihugu 15 bigize ako kanama vyatoye integuro zibiri zitandukanye.

Integuro ya Amerika yari ishigikiwe na benshi mu bihugu bisasa mur’ako akanama ariko izibirwa n’Uburusiya hamwe n’Ubushinwa, mu gihe integuro y’Uburusiya yemejwe n’ibihugu bine.

Urwandiko rwa Reta zunze ubumwe za Amerika rushimikiye ko ivy’ukubaho kw’abantu vyayangaye kandi rusaba ko imfashanyo zazibiwe zemererwa kwinjira muri Venezuela.

Uburusiya busaba ko hatorwa inyishu z’ibibazo muri Venezuela mu mahoro, ariko bwongerako ko Maduro akwiriye kureka imfashanyo zikinjira. Uburusiya kandi bwerekanye amakenga ku gikenye kigomba gukoreshwa kuri Venezuela.

Reta ya Nicolas Maduro yaranse kwemera ko igihugu kiri mu nzara kandi yanka kwemera ko imfashanyo zavuye muri Reta zunze ubumwe za Amerika zinjira mu gihugu ciwe, avuga ko ari inzira Amerika iriko irarondera yo gutera igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG