Uko wahagera

Perezida Maduro Yagiriza Amerika Gutegura Intambara mu Karere


Perezida wa Venezuela, Nicolas Maduro mu myiyerekano ishigikira reta yiwe i Caracas, Venezuela, itariki 07/02/2019.
Perezida wa Venezuela, Nicolas Maduro mu myiyerekano ishigikira reta yiwe i Caracas, Venezuela, itariki 07/02/2019.

Maduro: Inama yabereye i Bogota, muri Colombia ni kimwe mu twigoro two gushiraho reta muri Venezuela yorohereza Amerika kuronka ingene ishikira ibitoro vy’umurengera ico gihugu gifise mu butaka.

Perezida wa Venezuela Nicolas Maduro yagiriza Reta zunze ubumwe za Amerika ko igomba gutegura akajagari mu ntumbero yo gutanguza intambara mu karere.

Maduro yagize ati: "Bariko baragerageza kurema intambara kugira baronke ingene basigura ko igihugu kiri mu bibazo vya politike, ko ari ngombwa kurungika inteko za gisirikare muri Venezuela no guteza intambara mu karere ka Amerika y’epfo," Maduro yabivugiye mu kiganiro yahaye televiziyo ABC News yo muri Amerika ari ku kirimba ciwe ku murwa mukuru Caracas.

Ku musi wa mbere, icegera ca perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Mike Pence yatangaje izindi mfashanyo z’agaciro k’imiliyoni 56 ku banyagihugu ba Venezuela igihe yabonana na Juan Guaido atavugarumwe na reta hamwe n’abakuru b’ibihugu vyo muri Amerika yo mu bumanuko.

Maduro yavuze ko iyo nama yabereye i Bogota, muri Colombia ari kimwe mu twigoro two gushiraho reta ibangabanganwe n’iyihari muri Venezuela kugira Amerika ironke ingene ishikira ibitoro vy’umurengera ico gihugu gifise mu butaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG