Uko wahagera

Imiriro Imaze Guhitana Abantu 31 muri Reta ya Californiya


Imiriro yo mu mashamba yihaye inkumbi yarabandanije kwiyadukiza mu bice bitari bike muri Reta ya Californiya mu burengero bwa Reta zunze ubumwe za Amerika. Abategetsi baho bamenyesha ko abantu 31 bahasize ubuzima, mu gihe irengero ry’abandi 228 ritazwi.

Abantu ibihumbi 150 bavurwa ko bavuye mu zabo kubera imiyaga ikomeye cane yafashije gutuma imbeya z’imiriro zirangiza ibirenga ibilometero kwadarato igihumbi vy’ubutaka burimwo amashamba, ibibanza birimwo amazu abantu babamwo n’ibigirirwamwo imirimo y’ubudandaji.

Abantu 29 mu bapfuye bari mu buraruko bwa Reta ya Californiya. Umuriro muri ico gice wasambuye igisagara ca Paradise. Umuriro muri ico gice umaze kuzima mu bice 25 kw’ijana gusa.

Bulamatari wa Reta ya Californiya, Jerry Brown, yaratangaje amategeko yo mu bihe bidasanzwe. Yasavye Reta ya Amerika kuronsa Califonriya imfashanyo y’amafranga.

Prezida Donald Trump yari yagabishije mu mpera z’indwi irangiye guhagarika imfashanyo y’amafranga igenewe Reta ya Californiya. Yavuze ko amafranga agenewe amashamba muri iyo reta akoreshwa nabi. Ntiyigeze avuga ku ruzuba rumaze imyaka itari mike rugeramiye iyo reta

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG