Uko wahagera

USA: Ikiringo co Kwirinda Ingendo muri Koreya ya Ruguru Congerejwe Uyundi Mwaka


Ingenzi zinjira mu ndege Air Koryo ija muri Beijing, ku kibuga c'indege mpuzamakungu c'i Pyongyang, muri Koreya ya ruguru.
Ingenzi zinjira mu ndege Air Koryo ija muri Beijing, ku kibuga c'indege mpuzamakungu c'i Pyongyang, muri Koreya ya ruguru.

Reta zunze ubumwe z’Amerika zongereje ikiringo c’uyundi mwaka ingingo yo kubuza Abanyamerika gufata ingendo muri Koreya ya ruguru, mu kuvuga ko bashobora kubangamirwa bagiyeyo.

Iyi ngingo yo kwongereza iki kiringo gushika mu mpera z’ukwezi kwa munani umwaka uza, ifashwe mu gihe utwigoro two kuganira na Koreya ya ruguru kw’isamburwa ry’ibirwanisho vya Nikleyeli mw’izinga rya Koreya vyahagaze.

Igihe Perezida Donald Trump yarangiza umubonano n’indongozi ya Koreya ya ruguru, Kim Jong Un mu kwezi kwa gatandatu muri Singapore, umutegetsi w’Amerika yatangaje ko Koreya ya ruguru itakiri intambamyi kuri Amerika ku kibazo ca Nikleyeli, yibaza ko Kim nawe azoca ahagarika porogaramu yiwe ya Nikleyeli.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG