Uko wahagera

Amerika na Koreya y'Epfo Bazobandanya Imyimenyerezo ya Gisirikare


Abasirikare ba Amerika hamwe n'aba Koreya y'Epfo mu myimenyerezo ya gisirikare i Pocheon, mu buraruko bwa Seoul, Koreya y'epfo
Abasirikare ba Amerika hamwe n'aba Koreya y'Epfo mu myimenyerezo ya gisirikare i Pocheon, mu buraruko bwa Seoul, Koreya y'epfo

Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Jim Mattis yatangaje ejo kuwa kabiri ko ubushikiranganji arongoye butazohagarika imyimenyerezo ya gisirikare na Koreya y’epfo.

Mattis avuga ko Amerika yari yemeye guhagarika imyimenyerezo itari mike inyuma y’inama yahurije mu kwezi kwa gatandatu muri Singapore Perezida Donald Trump n’indongozi ya Koreya ya Ruguru Kim Jong Un.

Abasirikare ibihumbi 17,500 nibo bari bategekanijwe gukora iyo myimenyerezo.

Mu butumwa bwa Twitter ku musi wa gatanu, Trump yashikirije ko yasavye umushikiranganji w’imigenderanire n’amakungu Mike Pompeo guhagarika urugendo yariko arategura kugira muri Koreya ya ruguru kuko kubwiwe nta ntambwe ziriko zitarerwa mu gusambura ibirwanisho vya Nikleyeli mw’izinga rya Koreya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG