Uko wahagera

Amasezerano Hagati ya Hamas na Isirayeli


Abagabo bafise amabendera bari ku pikipiki yuzuye amapine bagiye guturira mu myiyerekano ku rubibe Isirayeli ihana na Gaza, itariki 3/08/2018.
Abagabo bafise amabendera bari ku pikipiki yuzuye amapine bagiye guturira mu myiyerekano ku rubibe Isirayeli ihana na Gaza, itariki 3/08/2018.

Abategetsi ba Palestina bavuga ko umuhari Hamas urongoye intara ya Gaza wagiraniye amasezerano na Isirayeli, impande zibiri zasa n’izigira zinjire mu ntambara.

Amateleviziyo ya Palestina na Hamas yatangaje ko hari amasezerano yashitsweko bifashijwemwo na Misiri n’abandi mu karere.

Abategetsi ba Palestina babwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters ko imihari yabo izokwubahiriza ayo mahoro.

Abasirikare ba Isirayeli bamaze kwica abagira imyiyerekano bashika kw’158, benshi muri bo Isirayeli ivuga bo bariko bagerageza kwinjira ku rubibe rwayo.

Isiriyeli ivuga kandi ko umuhari Hamas utegura imyiyerekano ariko hihishijemwo ibikorwa vy’iterabwoba, ivyagiriji umuhari Hamas uhakana.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG