Uko wahagera

Polonye: Kwiyamiriza Ingingo ya Reta ku Bacamanza Birabandanya


Amasinzi y'abantu mu myiyerekano yiyamiriza ingingo yo kugabanya imyaka yo gukukuruka ku bacamanza ba sentare ntahinyuzwa, imbere y'iyo sentare, i Varsovie, itariki 03/07/2018
Amasinzi y'abantu mu myiyerekano yiyamiriza ingingo yo kugabanya imyaka yo gukukuruka ku bacamanza ba sentare ntahinyuzwa, imbere y'iyo sentare, i Varsovie, itariki 03/07/2018

Imyiyerekano yo kwiyamiriza itegeko rishasha rigabanya imyaka yo gukukuruka ku bacamanza bo muri sentare ntahinyuzwa barenga ica gatatu yarabandanije muri Polonye ejo kuwa gatatu.

Lech Walesa, umunyapologne yigeze gutsindira agashimwe kitiriwe Nobel yari mu bari mur'iyo myiyerekano ku murwa mukuru Varsovie, yavuze ko iyo ngingo ishobora guta igihugu mu kaga k’intambara.

Umushikiranganji wa mbere wa Pologne, Mateusz Morawiecki yabwiye inama nshingamateka y’umuryango wa Bulaya kuri uyu wa gatatu ko ingingo yo kugabanya imyaka yo gukukuruka ku bacamanza yemewe n’ibwirizwa shingiro ry'ico gihugu.

Ariko abakuru b’ibihugu bigize uwo muryango ntibashigikiye iyo ngingo, bavuga ko demokarasi ya Pologne ibangamiwe kandi bagiriza reta gushaka kugenzura amasentare.

Mwomenya ko iryo tegeko rishasha rigabanya imyaka yo gukukuruka ku bacamanza kuva kuri 70 gushika kuri 65.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG