Uko wahagera

Mike Pompeo mu Rundi Rugendo muri Koreya ya Ruguru


Mike Pompeo, umushikiranganji w'imigenderanire w'Amerika n'ayandi makungu
Mike Pompeo, umushikiranganji w'imigenderanire w'Amerika n'ayandi makungu

Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe z’Amerika ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Mike Pompeo muri iyi ndwi arafata urugendo ku ncuro ya gatatu ruzomushikana i Pyongyang, ku murwa mukuru wa Koreya ya Ruguru.

Ni mugihe hari amakenga ko, mu gishingo co gusambura amahinguriro y’ibirwanisho vy’ubumara vya Nikleyeli ni misile, ico gihugu gisa n’uko kiriko kirayakomeza.

Pompeo, yari yagize urugendo muri Koreya ya ruguru mu ntango z’uyu mwaka, igihe yari arongoye ikigo CIA kijejwe iperereza hanze y’igihugu, ategekanya kuba ari i Pyongyang kuva ku musi wa kane gushika kuwa gatandatu.

Urwo rugendo ruzoba rukurikiye ibiganiro vyabereye mu kibanza co gusamburiramwo ibirwanisho vya Nikleyeli ku musi w’Imana hagati ya Ambasaderi w’Amerika muri Philippines Sung Kim hamwe n’intumwa za Koreya ya ruguru.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG