Uko wahagera

USA: Gutandukanya Abana n’Abavyeyi Babo Vyahagaritswe


Perezida Donald Trump arikumwe n'icegera ciwe Mike Pence hamwe na sekreteri w'intwaro mu gihugu Kirstjen Nielsen asinya itegeko rihagarika gutandukanya abana n'abavyeyi binjira baciye kubiri n'amategeko.
Perezida Donald Trump arikumwe n'icegera ciwe Mike Pence hamwe na sekreteri w'intwaro mu gihugu Kirstjen Nielsen asinya itegeko rihagarika gutandukanya abana n'abavyeyi binjira baciye kubiri n'amategeko.

Perezida Donald Trump kuri uyu wa gatatu yateye umukono kw’itegeko rihagarika poritike yo gutandukanya abana ku bavyeyi babo binjiye muri Reta zunze ubumwe z’Amerika mu buryo buteye kubiri n’amategeko ku rubibe rwo mu bumanuko Amerika ihana n’igihugu ca Mexike.

Ivyo abikoze inyuma y’aho mu gihugu no mu makungu bari bamaze imisi banegura iyo ngendo bamwe bavuga ko ari uguhungabanya agateka ka muntu.

Mugihe yariko asinya iryo tegeko, Trump yagize ati: "Ibi vyerekeye kugumiza hamwe imiryango ariko tutibagiye ko dukwiye gukomeza urubibe," yabivuze imbere yo gufata urugendo rumushikana muri reta ya Minnesota mu bikorwa vyo kwiyamamaza.

Reta zunze ubumwe z’Amerika, mu ndwi zitandatu ziheze yatandukanije abana barenga ibihumbi 2300 ku bavyeyi babo, baca babarungika mu bigo bafungiwemwo, mugihe abavyeyi bariko bakurikiranwa n’ubutungane kuko baciye kubiri n’amategeko mu kwinjira muri Amerika.

Abikorera utwabo, abarongozi b’amashengero, abakenyezi bane b’abahoze batwara Amerika na Melania Trump, umutambukanyi wa Perezida Trump, baraneguye batarya umunwa iyo ngingo yo gutandukanya abana ku bavyeyi babo bava muri Amerika yo hagati bahunga ubukene n’intambara mu bihugu vyabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG