Uko wahagera

Ba Perezida Trump na Kim Babonanye muri Singapore


Perezida Donald Trump aramukanya na mugenzi we wa Koreya ya ruguru Kim Jong Un kw'ihoteri Capella Hotel muri Singapore
Perezida Donald Trump aramukanya na mugenzi we wa Koreya ya ruguru Kim Jong Un kw'ihoteri Capella Hotel muri Singapore

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump na Perezida wa Koreya ya Ruguru Kim Jong Un babonanye kuri uyu wa kabiri, muri Singapore.

Perezida Trump yavuze ko umubonano yagiranye na mugenzi we wa Koreya ya Ruguru Kim Jong Un wabaye “mwiza mwiza cane," kandi avuga ko bagiranye “ubucuti bwiza” mugihe babonana kuri uyu wa kabiri mu biganiro bishobora gushika ku gusambura ibirwanisho vya Nikleyeli mu karere k'ikigobe ca Koreya.

Inyuma y’iminota 40 babonanye ari babiri gusa hamwe n’ababasobanurira indimi, Trump na Kim, umwe wese yaciye azana intumwa z’abategetsi bagendanye mu bindi biganiro vyiyaguye.

Ku ruhande rwa Reta zunze ubumwe z’Amerika hari Sekreteri wa reta w’Amerika, Mike Pompeo, umuhanuzi ajejwe umutekano mu gihugu John Bolton hamwe John Kelly, umunyamabanga mukuru mu biro kwa perezida.

Ni inama ya mbere ihuje umukuru w’igihugu wa Reta zunze ubumwe z’Amerika n’uwurongoye Koreya ya Ruguru amaso mu yandi.

Trump yagize ati :"Tugiye gushika ku kintu gikomeye kandi tugiye kuzogira ubucuti bukomeye, sinkekeranya".

Kim nawe abicishike kuwamusobanurira yavuze ati "Ntivyari vyoroshe gushika aha turi "kandi "ivyari intambamyi twarabinesheje none ubu turi aha uyu musi."

Ibiro vya Perezidanse y’Amerika vyatangaje ku musi wa mbere ko Trump ashobora kuva i Singapore mw’ijoro ryo kuri uyu wa kabiri inyuma yo kubonana na Kim.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG