Uko wahagera

Imyiyerekano Yo Kwiyamariza Intumwa ya ONU I Bujumbura


Bamwe mu banyagisagara ca Bujumbura bazindukiye mu myiyerekano yo kwiyamiriza icegeranyo c’intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU mu Burundi Michel Kafando, kivuga utunenge twaranze amatora y’ibwirizwanshingiro aheruka.

Terence Ntahiraja umwunganirizi akaba n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu avuga ko Michel Kafando yabeshye inama nkuru y’umutekano ya Loni.

Abanyepolitike batavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi basanga kwama abantu bihereza amabarabara igihe cose hasohotse ivyegeranyo ku Burundi atariwo muti ku bibazo bivugwa mu gihugu. Tatien Sibomana wo mu runani rw’abigenga Amizero y’abarundi abona ko ibiganiro ari vyo vyoza bitorera umuti ivyo bibazo.

Ku bijanye n’ibiganiro bisabwa na Kafando hagati y’abarundi, Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwro yo hagati mu gihugu aremera ko ibiganiro bikenewe mu gihugu, ariko agahakana ibiganiro vyoza bisaba ivyo gusangira ubutegetsi. Ivyo yita amagaburanyama.

Abitavye imyiyerekano yo kuri uyu wa gatandatu bafise ico basaba Leta y’Uburundi. Ni uko yosohora inzandiko ziyamiriza ibiherutse gushikirizwa n’intumwa idasanzwe y’Umunyamanga mukuru wa ONU mu Burundi hamwe na Leta y’Ubufaransa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG