Uko wahagera

Koreya ya Ruguru Iracipfuza Kuganira na USA


Abantu bakurikirana amasanamu ya Perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika Donald Trump n'uwa Koreya ya Ruguru, Kim Jong Un, Seoul, Koreya y'Epfo, Itariki 25/05/2018.
Abantu bakurikirana amasanamu ya Perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika Donald Trump n'uwa Koreya ya Ruguru, Kim Jong Un, Seoul, Koreya y'Epfo, Itariki 25/05/2018.

Abategetsi b’igihugu ca Koreya ya ruguru hamwe n’ibihugu bibanyi bishuye mu buryo bwitondewe ku ngingo ya perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, ku musi wa kane y’uguheba ibiganiro hagati ya Amerika na Koreya ya ruguru, ku mugambi w’ico gihugu werekeye ibirwanisho ruhonyanganda.

Icegera c’umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Koreya ya ruguru, Kim Kye Gwan, yatangaje kw’igihugu ciwe kiciteguriye gutorera inyishu ibibazo gifitaniye na Amerika igihe ic’arico cose n’uburyo ubw’aribwo bwose. Yarashimiye utwigoro twa Prezida Trump tw’ukurondera kuganira na Koreya ya ruguru.

Ivyatangajwe n’icegera c’umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Koreya ya ruguru, Kim Kye Gwan, biratandukanye bikomeye n’ibinebaguro, n’ibitutsi hamwe n’ukugabisha vyagizwe n’uwumdi mutegetsi wa Koreya ya ruguru. Ivyo vyatumye Trump aheba inama yari kuba hagati yiwe n’umutegetsi kizigenza wa Koreya ya ruguru, Kim Jong Un, mu kwezi kwa gatandatu mu gihugu ca Singapour.

Uwo mutegetsi yari yifatiye mu gahanga icegera ca prezida wa Amerika, Mike Pence. Ivyo inyuma yuko Pence asavye ko Koreya ya ruguru akarorero k’igihugu ca Libiya ku bijanye n’ugukuraho ibirwanisho ruyonyanganda.

Koreya ya ruguru yarashikirije icizere c’uko inama hagati yayo na Amerika ishobora kuba muri kazoza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG