Uko wahagera

Perezida wa Koreya y'Epfo Yitezwe i Washington Kuri uyu wa Kabiri


Perezida wa Koreya y'Epfo Moon Jae-in aganira na mugenzi we w'Ubushinwa Xi Jinping
Perezida wa Koreya y'Epfo Moon Jae-in aganira na mugenzi we w'Ubushinwa Xi Jinping

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump kuri uyu musi wa kabiri arabonana na mugenzi we wa Koreya y’Epfo mu biro White House. Ni mu gihe hakiri gukekeranya nimba inama ihuza abategetsi ba Amerika na Koreya ya ruguru izoba nkuko bitegekanijwe.

Perezida Moon Jae-in, muri iyo nama imara amasaha abiri, ategekanya kwongera kwemerera Trump ko inama yo mu kwezi kuza hagati yiwe na Perezida wa Koreya ya ruguru Kim Jong Un ishobora gushika ku kintu gikomeye kitazokwibagirwa.

Amakuru ava mu bategetsi muri Reta zunze ubumwe z’Amerika no mu makungu, avuga ko Trump, yafashe umwanya wo kubaza abamufasha hamwe n’abandi bategetsi mu makungu nimba yobandanya umugambi wo kuja i Singapore kubanana na Perezida Kim.

AbanyeKoreya ya ruguru baragabishije ko bashobora kutazitabira ibiganiro na Trump, bagiriza Amerika ko ishira inzitizi imbere mu gusaba ko porograma ya Nikleyeli y'igihugu cabo yohagarikwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG