Uko wahagera

Amakenga ku Nama Hagati ya ba Perezida Kim na Trump


Ba Perezida Kim Jong Un wa Koreya ya Ruguru ba Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z'Amerika
Ba Perezida Kim Jong Un wa Koreya ya Ruguru ba Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z'Amerika

Igihugu ca Koreya ya ruguru cahagaritse kuri uyu wa gatatu ibiganiro vyo ku rwego rwo hejuru na Koreya y’epfo kandi kivuga ko Reta zunze ubumwe z’Amerika ikwiye kugenda buhoro ku mubonano hagati ya Perezida Kim Jong Un na Donald Trump bivanye n’imyimenyerezo ya gisirikare ya Amerika na Koreya y’epfo.

Itororokanirizo ry’amakuru rya Koreya ya ruguru ryatangaje ko iyo myimenyerezo igamije gutera ico gihugu kandi ni agasomborotso mugihe hari utwigoro two kunagura imigenderanire hagati ya Koreya zompi.

Ibiro vya Perezida, White House nta vyinshi vyashikirije kiretse kuvuga ko bizobandanya bikorana n’ibihugu bicuditse.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi muri Amerika buvuga ko iyo myimenyerezo isanzwe yama iba buri mwaka kandi imaze imyaka itari mike.

Amerika, ibicishije ku muvugizi w'ubushikiranganji bw'imigenderanire, Heather Nauert ivuga ko Perezida Kim ubwiwe yavuze ko atahura iyo myimenyerezo kandi azi akamaro kayo kuri Reta zunze ubumwe z’Amerika. Heather yemeza ko gushika ubu Amerika yiteguriye inama na Perezida Kim.

Ariko abandi bakoranye na Koreya ya ruguru imyaka n’imyaka bavuga ko hariho abagomba kuburizamwo uyo mubonano bibaza ko bitumbereye gukura ubutegetsi bw'icami bwa Perezida Kim.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG