Uko wahagera

Abanyamerika 3 Bari Bapfungiwe muri Koreya ya Ruguru Barekuwe


Isanamu yo mu kwezi kwa gatanu, itariki 3, 2018, yerekana Abanyamerika batatubari bapfungiwe muri Koreya ya Ruguru.
Isanamu yo mu kwezi kwa gatanu, itariki 3, 2018, yerekana Abanyamerika batatubari bapfungiwe muri Koreya ya Ruguru.

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yatangaje ko Abanyamerika batatu bari bapfungiwe mu gihugu ca Koreya ya ruguru, barekuwe. Bari mu nzira batahuka muri Amerika baherekejwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire, Mike Pompeo.

Ivyo Perezida Trump yabitangaje ku rubuga Twitter uno musi ku wa gatatu. Yatangaje ko bisa n'uko amagara y’abo banyamerika ameze neza. Perezida Trump atangaza ko afise imigambi y’ukubakira igihe baza gushika muri Amerika.

Ayo makuru akwirikiye urugendo, umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Mike Pompeo yagize muri Koreya ya ruguru. Yagiye muri ico gihugu gutegura inama yimirije hagati ya Perezida Trump, n’umutegetsi kizigenza wa Koreya ya ruguru, Kim Jong Un.

Mw’itangazo ryasohowe uno musi ku wa gatatu, ibiro vya prezida, Maison Blanche, vyatangaje ko Prezida Trump ashima ingingo ya Kim Jong Un yo kurekura abo banyamerika batatu. Amenyesha ko abona iyo ngingo nk’ikimenyetso ciza.

Abo banyamerika batatu bafise amamuko muri Koreya bari bapfungiwe muri Koreya ya ruguru kuva mu mwaka w’i 2017. Bagirizwa ko bagize uruhara mu bikorwa bigeramira Reta ya Koreya ya ruguru, kandi ko bariko barondera gutembagaza Reta y’ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG