Uko wahagera

Abanyeshure 2 Bishwe Barashwe kw'Ishure muri Kentucky


Abategetsi batohoza aharasiwe abanyeshure ku wa kabiri, mu gisagara ca Benton, muri Kentucky, ukwezi kwa mbere, itariki 23, 2018
Abategetsi batohoza aharasiwe abanyeshure ku wa kabiri, mu gisagara ca Benton, muri Kentucky, ukwezi kwa mbere, itariki 23, 2018

Abantu 2 bishwe abandi 12 barakomereka barashwe kur’uyu wa kabiri kw’ishure ryisumbuye mu bumanuko bushira ubuseruko bwa reta ya Kentucky, muri Reta zunze za Amerika nkuko Guverineri w’iyo reta Matt Bevin abivuga.

Bevin yavuze ko uwukekwa mur’ubwo bwicanyi yari umuhungu w’imyaka 15 kandi agiye kwagirwa n’icaha c’ubwicanyi. Uwishwe yari umwigeme w’imyaka 15, yapfiriye mu bitaro. Bevin avuga kandi ko abapfuye hamwe n’abakomeretse bose bari abanyeshure.

Ayo masasu yarasiwe kw’ishure ryisumbuye Marshall County High School mu gisagara ca Benton mu burengero bwa Kentucky.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG