Uko wahagera

Etiyopiya Igiye Kurekura Imbohe 500


Umushikirizamanza mukuru wa Etiyopiya yatangaje kur’uyu wa mbere ko abanyororo 528 bari bapfunzwe bagirizwa kugumuka biyamiriza reta bashobora kwezwa kandi no kubohorwa kur’uyu wa gatatu.

Umushikirizamanza mukuru wa Etiyopiya, Getachew Ambaye yavuze ko abamaze kwagira icaha no gucirirwa imanza batari mu bazorekurwa.

Benshi mur’abo banyororo bahagaritswe bagirizwa iterabwoba mu myiyerekano yiyamiriza reta yatanguriye mu ntara ya Oromia mu mpera za 2015 mu nyuma ikwiragira no mu bindi bice vy’igihugu.

Mu ndwi iheze, umushikiranganji wa mbere, Hailemariam Desalegn yatangaje ko reta ishobora kurekura igitigiri kanaka c’abanyororo, ariko raporo zerekanye ko abapfungiwe ivya politike basubijweyo.

Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu avuga ko abapfungiwe ivya politike baharurwa mu 4000 bakiri mu mabohero muri Etiyopiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG