Uko wahagera

Papa Fransisiko mu Rugendo muri Myanmar


In this image provided by L’Osservatore Romano, Pope Francis arrives in Yangon, Myanmar, Nov. 27, 2017.
In this image provided by L’Osservatore Romano, Pope Francis arrives in Yangon, Myanmar, Nov. 27, 2017.

Papa Fransisiko yashitse mu gihugu ca Myanmar, uno musi ku wa mbere. Ni mu kigoro k’ugutuma amakungu akwirikirana ibibazo vyerekeye impunzi z’aba Rohingya.

Papa Fransisiko azogendera igihugu ca Bangladesh ku musi wa kane.

Yamara ntibitegekanijwe kw’agendera ikambi y’impunzi y’aba Roghingya, ariko vyitezwe kw’abonana n’umurwi mutoyi w’izo mpunzi ku murwa mukuru wa Bangladesh, Dhaka.

Papa Fransisiko yabwiye Radiyo y’i Vaticano, kw’ajanye ubutumwa bwa Yezu Kristu n’ubutumwa bw’abahoro, bw’ukunywanisha abantu n’ukugiriranirana imbabazi.

Mu ndwi nkeyi zirangiye, ibigihugu vya Myanmar na Bangladesh vyarunvikanye ku vyerekeye ukugaruka kw’wimpunzi ibihumbi amajana n’amajana z’aba Rohingya bahungiye muri Bangladesha bavuye muri Myanmar.

Ivyo vyatangajwe an’abategetsi b’ivyo bihugu bibiri.

Yamara naho ar’uko ibibazo vy’aba Rohingya ntibiratorerwa inyishu muri Myanmar.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG