Uko wahagera

Liberiya: Komisiyo y'Amatora Yemeza ko Amatora Yagenze Neza


Joseph Nyuma Boakai, icegera c'umukuru w'igihugu muri Liberiya.
Joseph Nyuma Boakai, icegera c'umukuru w'igihugu muri Liberiya.

Komisiyo ijejwe gutunganya amatora muri Liberiya kur’uyu wa mbere yaranse guha agaciro ibirego vyashikirijwe n’abakandida babiri baje ku mwanya wa kabiri n’uwa gatatu mu gice ca mbere c’amatora y’umukuru w’igihugu.

Imigambwe ibiri, uw’icegera c’umukuru w’igihugu Joseph Boakai, yatahukanye ikibanza ca kabiri hamwe n’uwa Charles Brumskine, yatahukanye ikibanza ca gatatu mu matora yo kw’itariki 10 y’ukwezi kw’icumi yatangaje ko izokwunguruza urubanza.

Igice ca kabiri c’amatora cari gitegekanijwe kw’itariki ya ndwi ukwezi kwa cumi na kumwe caciye gihagarikwa na sentare ntahinyuzwa kugira Komisiyo y’amatora ibanze yihweze ibirego vyashikirijwe ko ayo matora yoba yabayemwo ubusuma.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG