Uko wahagera

USA ivuga ko ata Mubonano Hagati ya Trump na Putin Muri Vietinamu


Trump na Putin
Trump na Putin

Ibiro vy’umukuru w’igihugu muri Reta zunze ubumwe z’Amerika kur’uyu wa gatanu vyatangaje ko Perezida Donald Trump adategekanya kuganira na perezida Vladimir Putin w’Uburusiya aho bari mu nama muri Vietinamu ihuza ibihugu vya Aziya na Pacifique ku butunzi.

Umuvugizi wa White House, Sarah Huckabee Sanders yatangaje ko ata mubonano hagati y’abo bategetsi babiri wigeze wiyumvikanwako kuko bose uko ari babiri bafise ibikorwa vyinshi. Avuga kandi ko bashobora guhura bakaramukanya bisanzwe.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abarusiya, RIA Novosti kur’uyu wa gatanu ryavuguruje ibiro vya White House mu kuvuga ko abo bategetsi bashobora kugiranira umubonano.

Nawe Sekreteri wa Reta w’Amerika Rex Tillerson, avuga ko ayo makuru yayasomye ariko ko ata na kimwe cumvikanyweko kuvyerekeye uwo mubonano. Tillerson atangaza ko hari ibitari bike bikwiye kuganirwako, ariko ko ata kamaro ko kuganira mu gihe bigaragara ko atacovamwo.

Imigenderanire hagati y’Uburusiya na Reta zunze ubumwe z’Amerika yaratitutse cane kuv’aho Amerika yagirije Uburusiya ko bwahungabanije amatora y’umukuru w’igihugu mu mwaka w’2016.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG