Uko wahagera

USA Isanga Intambara yo ku Butaka Iboneye kuri Koreya ya Ruguru


Inzira yonyene izotuma Reta zunze ubumwe z’Amerika ishobora kumenya ibirwanisho vya Nikleyeri Koreya ya ruguru gifise no kubisambura n’ukugaba igitero uciye ku butaka.

Ivyo vyashikirijwe n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Amerika, mu rwete bwashikirije kuwa gatandatu abashingamateka bagomba kumenya ibikoresho n’uburyo bw’amafaranga bikenewe mur’iyo ntambara.

Urwo rwandiko kandi ruvuga ko umukenyuro n’uburyo Amerika hamwe n’ibindi bihugu bifashanya bikeneye mu kugondoza Koreya ya ruguru ar’ivyovugirwa mw’ibanga. Bavuga kandi ko ibirwanisho vya Nikleyeri ico gihugu gifise bihamwe kure mu kuzimu.

Abashingamateka Ted Lieu wo muri reta ya Californiya na Ruben Gallego aserukira Arizona, bompi Abademokrate nibo basavye ayo makuru.

Lieu yabwiye ikinyamakuru The Washington Post ko ari ivya nkenerwa ko abanyagihugu bamenya uko iyi ntambara izomera. Afise amakenga ko mu bantu ibihumbi 300 bashobora gupfa, abarenga ibihumbi 100 bashobora kuzoba Abanyamerika.

Nawe umushingamateka Gallego yavuze ko akeneye kumenya neza ko har’amakuru ahagije y’ibishobora gushikira Amerika mu gihe abategetsi bokora nabi ibiharuro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG