Uko wahagera

Argentine n'Ububirigi Vyariciwe Ababo mu Gitero c'i New York


Abakomeretse mu gitero c'i New York
Abakomeretse mu gitero c'i New York

Umushikiranganji w’imigenderanire n’amakungu wa Argentina yavuze ko abanyagihugu biwe bari mu bapfiriye mu gitero c'iterabwoba cabereye I New York kur'uyu wa kabiri ariko nta gitigiri cabo yatanze.

Nayo umushikiranganji w’Ububirigi ajejwe imigenderanire n’amakungu Didier Reynders yavuze ko umubirigi umwe ari mu baguye mur’ico gitero.

Abantu bashika umunani barapfuye abandi barenga cumi bakomereka ku muhingamo wo kur’uyu wa kabiri i Manhattan mu gisagara ca New York muri Reta zunze ubumwe z’Amerika. Umugabo atwaye ikamyo yiraye mu nzira y’abagendesha amakinga n’abagenda n’amaguru hafi y’ahari icibutso ca World Trade Center iseka abanyagihugu batari bake.

Umukuru w’igisagara ca New York, Bill de Blasio yatangaje ko ar’igitero c’iterabwoba kuko uwabikoze yabikoreye abanyagihugu bitekaniye.

Igiporisi catangaje ko uwo mugabo yakomye akaruru avuga "Allahu Akbar,'' mu rurimi rw’icarabu bisigura “Imana ni nkuru” igihe yasohoka iyo kamyo ahejeje gukora iryo bara.

Abategetsi mu giporisi babwiye ibimenyeshamakuru ko uwo yabikoze ar’umugabo w’imyaka 29, umwimukira afise amamuko muri Uzbekistan, azwi kw’izina rya Sayfullo Saipov, yinjiye muri Amerika mu mwaka w’2010.

Perezida w’Amerika Donald Trump yavuze ko atazokwemerera umuhari wa reta ya kiyisilamu kugaruka muri Amerika canke kuhinjira, inyuma y’aho uteshejwe mu burasirazuba bwo hagati n’ahandi kw’isi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG