Uko wahagera

Umukuru wa Sentare Nkuru muri Mali Yarusimvye


Abasirikare ba mali
Abasirikare ba mali

Abasirikare batanu ba Mali hamwe n'uwundi munyagihugu umwe barishwe hagati muri Mali kur’uyu wa kabiri baguye mu mutego batezwe bari mu miduga yar'itwaye umukuru wa sentare nkuru y’ico gihugu, ibishikirizwa n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi.

Ntiharamenyekana abakoze ico gitero ariko umutekano muke hamwe n’abapfa muri Mali begekwa ku ntagondwa z’imirwi y’Abayisilamu idahengeshanya kwiyongera mur'ico gihugu.

Izo modoka zari zitwaye umukuru wa sentare nkuru, Abdrahamane Niang zari zivuye mu gisagara ca Dia zerekeza mu gisagara ca Diafarabe mu ntara ya Mopti, ku birometero 500 mu buraruko bushira ubuseruko bw’umurwa mukuru Bamako igihe zarwa mur’uyo mutego.

Umukuru w’iyo sentare n’umukenyezi wiwe barashoboye kurusimba bafashijwe n’abasirikare bari babacungereye umutekano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG