Uko wahagera

Bombe y'Umwiyahuzi Yahitanye Umunani i Kabul


Umwiyahuzi yaturikije bombe mu kibanza kirimwo abaserikira ibihugu vyo mu mahanga ku murwa mukuru w’igihugu ca Afuganistani, Kabul, yica abantu umunani abandi batari bake barakomereka.

Ivyo bitangazwa n’abategetsi bo mu bushikiranganji bujejwe amagara y’abantu. Reta ya Kiyislamu yiyitiriye ico gitero.

Mu ntango z’uku kwezi, umwiyahuzi yaraturikije amabombe hafi y’ikibanza kirimwo ishule y’igisirikare ku murwa mukuru, Kabul. Ayo mabombe yahitanye abasirikare 15, abandi batari bake barakomereka. Abatalibani batangaje kw'aribo bakoze ico gitero.

Mur'iyo ndwi nyene umwiyahuzi yariroshe mu musigiti wari wuzuye Abayislamu b’Abashite ku murwa mukuru, Kabul, yica abantu bagera kuri 50. Reta ya Kiyislamu yatangaje ko yateguye ico gitero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG