Uko wahagera

Kwemeza Perezida wa Kenya Birashobora Kugira Ingaruka?


Bitegekanzijwe kw’urwego rw’igihugu rujejwe gutunganya amatora mu gihugu ca Kenya rutangaza ivyavuye mu matora uno musi ku wa mbere.

Abantu baribaza nimba urwo rwego ruza gutangaza ko perezida ahari muri iki gihe, Uhuru Kenyatta ariwe yatsinze amatora yabaye mu ndwi iheze aho atawe bahiganywe.

Raila Odinga ayoboye urunani rw’abatavuga rumwe na Reta yasavye ku musi w’Imana kw’amatora mashasha aba mu misi mirongo icenda. Yamenyesheje kw’igihugu gishobora kugeramirwa n’ubwicanyi n’uruhagarara bifatiye kuri politike.

Odinga yagiriza Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’abaserukira ibihugu vyco mu burengero bw’isi kuba basavye kw’amatora aba ku musi wa kane w’indwi irangiye. Avuga ko yiteguriye kuvugana na Reta ya Perezida Kenyatta ku vyerekeye kugirisha amatora arangwa n’ubwigenge kandi atagira akanenge.

William Ruto, icegera ca Perezida Kenyatta, amenyesha kw’atayandi matora azoba, kandi kw’atabiganiro bizoba ku bibazo biyerekeye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG