Uko wahagera

Raila Odinga Asaba Ayandi Matora mu Misi 90


Raila Odinga ariko aha ikiganiro itororokanirizo ry'amakuru ry'Abanyamerika Associated Press mu rugo rwiwe i Nairobi, Kenya.
Raila Odinga ariko aha ikiganiro itororokanirizo ry'amakuru ry'Abanyamerika Associated Press mu rugo rwiwe i Nairobi, Kenya.

Umukuru w’abatavugarumwe n’ubutegetsi muri Kenya, Raila Odinga asaba ko hatunganywa ayandi matora y’umukuru w’igihugu mu misi 90, yishimikiza ko igihugu kibangamiwe cane n’imvururu zifatiye kuri poritike.

Odinga yabishikirije itororokanirizo ry’amakuru ry’Abanyamerika, Associated Press, haheze imisi itatu yanse kwitaba amatora yo kuwa kane yakurikiye ayo mu kwezi kwa munani ivyayavuyemwo vyateshejwe agaciro na sentare ntahinyuzwa yavuze ko yabayemwo amahinyu.

Odinga yavuze ko amatora yo kwa kane akwiye gufutwa kuko Perezida Kenyatta yatamvye yirorera atawo mu batavugarumwe nawe bahiganwe.

Odinga yagirije Reta zunze ubumwe z’Amerika n’abandi ba diplomate bo mu bihugu vyo mu burengero bw’isi birimwo Uburayi ko bafashe minenerwe ayo matora mu kwemera ko yongera kuba.

Avuga kandi ko yiteguye kuganira na reta ya Kenyatta kugira batunganye amatora atarimwo amahinyu kandi atibagiye rimwe na rimwe no guhamagarira abanywani biwe mu myiyerekano y’amahoro kugira agondoze Perezida Kenyatta.

Mwomenya ko hafi y’amajwi yose mu matora yo kuwa kane amaze guharurwa, Komisiyo y’amatora ivuga ko Kenyatta yatowe n’abashika imiriyoni indwi, igitigiri Odinga avuga ko cakakamishijwe uravye abantu bayitavye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG