Uko wahagera

Turukiya: Abaharanira Agateka Kazina muntu 8 Baridegemvya


Abaharanira Agateka ka muntu bari Bapfunzwe muri Turukiya
Abaharanira Agateka ka muntu bari Bapfunzwe muri Turukiya

Turukiya yararekuye abantu 8 bo mu mashirahamwe aharanira uburenganzira bwa kiremwa muntu, bagirizwa na reta ibikorwa vy’iterabwoba.

Abarekuwe kur’uyu wa gatatu barimwo umuyobozi wa Amnesty International muri Turukiya, Idil Eser, hamwe n’umudagi hamwe n’umusuwisi.

Bahagaritswe mu kwezi kwa ndwi bari mu ruganda kuvyerekeye umutekano mw’izinga rya Buyukada. Kuva ico gihe bari bakiri mw’ibohero.

Abantu 11 bo mu mashirahamwe aharanira agateka ka muntu nibo bamaze gufungwa muri Turukiya bagirizwa iterabwoba kubwo kugiranira imigenderanire n’aba Kurdes hamwe n’umunyedini Fetullah Gulen ari muri Reta zunze ubumwe z’Amerika yagirizwa kuba ariwe yari yateguye gutembagaza ubutegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG