Uko wahagera

Guterres wa ONU Arasura Centrafrika


Antonio Guterres ashitse muri centrafrika, kuwa 24 y'ukwezi kwa cumi 2017
Antonio Guterres ashitse muri centrafrika, kuwa 24 y'ukwezi kwa cumi 2017

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres, kur’uyu wa kabiri niho yashika i Bangui ku murwa mukuru wa Centrafrika.

Bubaye ubwa mbere agendeye inteko zibungabunga amahoro n’umutekano kuva atanguye amabanga mu kwezi kwa mbere.

Uwo mutegetsi wa ONU kur’uyu wa gatatu ategekanya kugendera igisagara ca Bangassou, aho abonanira n’indongozi zaco, abateshejwe ingo zabo hamwe n’amakomite y’umutekano mur’ako karere.

Guterres azobonana n’abakenyezi bafashwe ku nguvu n’abasirikare ba ONU muri Centrafrika hamwe n’imiryango yabo, azoba ari kumwe na Jane Connors, umushingwamanza wa ONU aburanira abakorewe ivya mfura mbi na ONU.

Muri poritike, azobonana n’umukuru w’igihugu hamwe n’umukuru w’inama nshingamateka, aho azogerageza kubumvikanisha, mu gihe icuka hagati yabo gisanzwe kitifashe neza, inyuma y’aho mu kwezi kw’indwi perezida yagirije umukuru w’inama nshingamateka ko yagomba kumukura ku butegetsi.

Urugendo rwa Guterres muri Centrafrika ruzorangira ku musi wa gatanu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG